Uburundi buza mu bihugu 3 vya nyuma muri Afrika mu vyerekeye abashoramari bazana imitahe mw-ivyo bihugu.

0

Igihugu c-uburundi  kiza mu bihugu bitatu vyanyuma mu cegeranyo c-umwaka w-2020 cerekana ingene ibihugu  vyo muri Afrika  bituma abashoramari  bazana imitahe mu migambi y-ivyo bihugu.  Biri mu cegeranyo c-ibanki yo muri Afrika y-epfo Rand Marchant Bank.

Mu cegeranyo gisohoka ukwo umwaka utashe  ciswe where to invest in Africa 2020 ,  Igihugu c-uburundi kiri mu kibanza ca 52  n-amanota 2,3% kikaza  imbere y-igihugu ca Somaliya hamwe n-igihugu ca Guinnée Equatoriale . Ico cegeranyo  c-ibanki Rand Merchant Bank cisunga  ibiharuro vy-abahinga  b-amashirahamwe yigenga  hamwe na mpuzamakungu  mu bisata bitandukanye  bigize ubuzima bw-igihugu. Kikaba cerekana urugero rw-ibihugu  vyo muri Afrika biriko mu gutuma abashoramari  babikoreramwo gutyo  bakamenya ibihugu bashiramwo imitahe yabo.Image

Nkuko ico cegeranyo kivyerekana, uretse ko ikiza ca Covid-19  cateye isibe mu bijanye n-ubutunzi bw-ibihugu vyo kw-isi n-umugabane wa Afrika urimwo, amanota mu bijanye nuko amakori atangishwa  hamwe n-icuka gishobora gutuma abantu  barangura ibikorwa vyabo  ngo nivyo bikuru bikuru bituma abashoramari baza mu gihugu ari benshi.

Tubibutse ko kw-igenekerezo rya 25 myandagaro 2021, umukuru w-igihugu c-uburundi Varisito Ndayishimiye  wenyene ubwiwe yaremeje ko ubutegetsi bwiwe  ibangamiwe  n-akarenganyo  hamwe n-igiturire , ari navyo biri mu bituma  abarwizatunga  b-abanyamahanga  batizera uburundi .

Ibanki  Rand Merchant Bank yerekana ko ibihugu bitatu vyo mu muryango wo muri Afrika y-ubuseruko arivyo bimaze  kugera muri cumi vya mbere  mu bijanye no gutuma  abashoramari  bitabira  imigambi yavyo. Ivyo bihugu navyo ni igihugu c-urwanda kiza ku mwanya wa kane, igihugu ca Kenya kiri mu kibanza c-icenda  hamwe rero na Tanzaniya iza ku mwanya w-icumi.