Perezida Ndayishimiye aritezwe mu gihugu ca Tanzaniya kuva kuwa 22 gushika kuwa 24 Gitugutu 2021.

0

Umukuru w-igihugu c-uburundi Evariste Ndayishimiye aritezwe mu rugendo rw-akazi mu gihugu ca Tanzaniya kuva kw-igenekerezo rya 22 gushika kuwa 24 Gitugutu 2021. Biri mw-itangazo ryashizwe ahabona n-ubushikiranganji bw-imigenderanire ya Tanzaniya.May be an image of 2 people and people standing

Iryo tangazo rimenyesha ko bitegekanijwe ko Perezida Ndayishimiye azoshira ibuye ry-umushinge ahazokwubakwa ihinguriro ry-umwavu ryegukira ishirahamwe ITRACOM ryegukira umurwizatunga w-umurundi.

Ikindi , umukuru w-igihugu c-uburundi azoja mw-izinga rya zanzibar , hama avuyeyo ace agendera ikivuko ca Dar-es-Salaam hamwe nahariko hubakwa ibarabara ry-indarayi riva i Dar-es-Salaam gushika ahitwa Kwala ahazohora hashikira imizigo ivuye i Burundi.