UBM News ads

ˮAbahunze batagarutse ngo bave mu magorwa barimwo, urubeya rw-uburundi rwaka ntiruzoba rushemeye‟ Mgr Anatole Rugerinyange

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Abarundi bose babwirizwa kubana  mu rukundo kuko  ata mugambwe umwe  canke ubwoko bumwe  buzoshika ku mahoro  arama. Vyashikirijwe kuri uyu wa kane na Musenyeri Anatole Rugerinyange  mu nkuka y-imisa yo kwibuka urupfu rw-umuhisi Perezida Melchior Ndadaye n-abandi barundi bishwe kuwa 21 gitugutu 1993.Image

Musenyeri Anatole Rugerinyange, icegera c-umwungere wa Diyoseze  nkuru ya Bujumbura  ati ivyo abarundi bazobishikako  nibemera  kuvavanura n-inzigo  y-akazikira ibatuma kwihora :

ˮ… Erega iy-itarike turiko twibuka uy-umusi urubeya rw-urukundo rwarazimye mu Burundi. Ni umusi mubi, ni umusi wahekuye uburundi. None turatumiriwe gukora kubishoboka vyose kugira urwo rubeya rw-urukundo ntiruze rusubire kuzima,  urubeya rw-urukundo ruzokomezwa n-abarundi bose. Umugambwe umwe ntugishobora kwaka wonyene  ahubwo urahava ukazima , ubwoko  ubu canke buriya, abahutu ntibashobora kwatsa urubeya bonyene ahubwo barahava bakazimata, urubeya rugahera. Abatutsi ntibashobora kwatsa urubeya ari bonyene bonyene, ahubwo rurahava rukazimata, urubeya rugahera. Abatwa nikwo kw-uko.  Abahunze batagarutse  ngo bave mu magorwa barimwo, urubeya rw-uburundi rwaka ntiruzoba rushemeye. Urwo rubeya rw-urukundo muri twebwe  ruhinduka ikigongwe cinshi, kurekura tugata akanuka inzigo y-akazikira‟  

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments