Tuesday, September 27, 2022
HomeNewsUburundi buvuga ko aribwo buzotanga ivyankenerwa vyose ku basirikare bwarungitse muri...

Uburundi buvuga ko aribwo buzotanga ivyankenerwa vyose ku basirikare bwarungitse muri Congo.

Igihugu c’uburundi nico kizotanga ivyankenerwa vyose ku basirikare baco baheruka kurungikwa muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo,gufasha mu gikorwa co kugarukana amahoro mu buseruko bw’ico gihugu. Vyaraye bitangajwe kuri uyu wa gatanu n’umuvugizi w’igisirikare c’uburundi Col.Floribert Biyereke hari mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru.

Uwo avugira igisirikare c’uburundi akaba yasiguye ko abo basirikare barenga 600 barungitswe hisunzwe umwumvikano hagati y’uburundi na Congo, mu kurindira ko harungikwa inteko z’akarere nkuko vyasabwe n’abakuru b’ibihugu bagize umuryango wa Afrika y’ubuseruko (EAC). Izo ngabo ubu zikaba zirongowe n’intwazangabo ya Congo, icegera ciwe akaba ari umurundi.
Col.Floribert Biyereke akamenyesha ko gushika ubu ico gikorwa kiriko kigenda neza. Ariko agahamagarira abarundi n’amakungu kudatega amatwi abatanga inkuru yise z’ibinyoma kuri ivyo bikorwa vya gisirikare biriko bibera muri Congo naho atatomoye ivyo ayo makuru avuga kuri izo ngabo.2

Must Read

Uganda: Abantu 23 nibo bamaze kwicwa na Ebola (OMS).

0
Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y'abantu kw'isi OMS ritangaza ko mu gihugu ca Uganda abantu bagera kuri 23 aribo bamaze kwicwa n'ikiza ca Ebola kikomoka...