Tuesday, September 27, 2022
HomeNewsPerezida Ndayishimiye avuga ko hari umurwi w'abantu banyegeza igitoro ngo baheze batere...

Perezida Ndayishimiye avuga ko hari umurwi w’abantu banyegeza igitoro ngo baheze batere imigumuko nk’iyo mu 2015.

Umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye amenyesha ko hari umurwi w’abantu banyegeza igitoro maze ngo baheze batere imigumuko y’abanyagihugu yo ku mukura ku butegetsi nk’iyabaye mu mwaka w’2015. Acagirako avuga ko agiye gushiraho mu ndongozi abasubirizi bamaho nkuko biri mu murwi w’umupira w’amaguru. Perezida Ndayishimiye akaba yaraye abitangaje mu gikorane c’amasengesho cama gitunganywa n’umugambwe CNDD-FDD buri wa kane w’indwi ya nyuma irangiza ukwezi.

Umukuru w’igihugu Varisito Ndayishimiye akaba yatangaje ko ata ndwi zitatu zihaciye amenye abantu banyegeza igitoro kugira bategure imigumuko y’abanyagihugu nk’iyabaye mu mwaka wa 2015. Varisito Ndayishimiye ati :«Jewe ndazi neza ko ata ndwi zitatu zirahera hari abarundi bavuze ngo tunyegeze igitoro kugira abenegihugu bace bagumuka nk’ivyabaye 2015…». Umwe mu barundi aba mu mahanga yaheruka mu karuhuko ndetse akaba yanabonanye n’umukuru w’igihugu c’uburundi mu ntara ya Ngozi we abona ko inyishu Perezida Ndayishimiye atanze ku kibazo c’ikena ry’igitoro rimaze imisi, irimwo ibihushane kuko afatiye kuvyo yababwiye i Ngozi binyuranye nivyo yaraye ashikirije. «yari yatubwiye ko ingorane y’igitoro yatewe n’intambara ya Ukraine ati mu kwezi tuzoba twamaze kuronka igitoro ata kibazo. Uyu musi rero ntidutahura ku kuntu aza kugaruka kuvuga yuko igitoro yatoye akarwi k’abantu kakinyegeje kugira abantu bagire imigumuko ngo mu mwaka wa 2015, ucubona ko izo ndimi zibiri zidasa na gatoyi. Mbega ako karwi amaze kugatora ko atatubwiye ati ndatoye icatumye habura igitoro?» Bivurwa n’umwe mu barundi aba mu gihugu c’ububirigi yaheruka mu mubonano w’abagenzi we bagiranye na Perezida Ndayishimiye i Ngozi.
Umukuru w’igihugu c’uburundi avuga kandi ko Imana igiye kuza guhana abo bose badakora ivyo bajejwe maze bigatuma abarundi badashobora kwinjira muco yise «igihugu c’isezerano». Kubera ibikorwa vy’abo bantu bakora bidahesha agateka igihugu n’umugambwe aturukamwo, Uwo arongoye uburundi yarongeye amenyesha ko bagiye gusezererwa birukanwe mu mabanga barimwo maze basubirizwe nkuko mu rukino rw’umupira w’amaguru bikorwa iyo hari umukinyi yakinye nabi canke yavunitse.

Must Read

Uganda: Abantu 23 nibo bamaze kwicwa na Ebola (OMS).

0
Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y'abantu kw'isi OMS ritangaza ko mu gihugu ca Uganda abantu bagera kuri 23 aribo bamaze kwicwa n'ikiza ca Ebola kikomoka...