Sunday, September 25, 2022
HomeUmutekanoAbasirikare b'uburundi bari muri Somaliya bavuga ko bibwa umushahara wabo mukuvunjirwa ku...

Abasirikare b’uburundi bari muri Somaliya bavuga ko bibwa umushahara wabo mukuvunjirwa ku giciro kiri musi y’ica BRB.

Abasirikare b’abarundi bagiye kugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya bamenyesha ko hariho ubusuma bwenyuje uravye amafaranga bahembwa ingene angana biturutse ku kungene idorare rivunjwa. Abo basirikare bagafatira ku gahembo k’amezi abiri baheruka kuronka aho idorare mw’ibanki nkuru ya BRB ryavunjwa amafaranga y’amarundi 2030 ariko bobo mu guhembwa bakaba baharuriwe ku mafaranga y’amarundi 1950. Bakavuga ko ubwo busuma bukorwa n’aba barongoye mu gisirikare.
Abo basirikare baharurwa 4800 bagiye kugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya bavuga ko batumva na gato ingene amafaranga bahembwa aba yavunjwe mw’ibanki nkuru y’igihugu. Bafatira akarorero ku mafaranga y’amezi abiri y’ukwicumi na rimwe hamwe n’ukwicumi na kabiri mu mwaka uheze bahembwe ku musi wa kabiri w’ino ndwi turiko tusozera, aho idorare mw’ibanki nkuru y’igihugu ryavunjwa amafaranga y’amarundi arenga 2030 ariko bakaba bavunjiwe ku mafaranga 1950.
Kubw’amakuru yizewe ava mw’abo basirikare , nuko ugize ibiharuro usanga umusirikare umwe yatwawe amafaranga y’amarundi ashika ibihumbi 100. Ni ukuvuga ko mu mezi abiri bakaswe ibihumbi 200. Muri abo, harimwo abahembwe ukwezi n’igice bakaba bakaswe amafaranga y’amarundi angana ibihumbi 150 . Nayo abaronse igice c’ukwezi bakaswe ibihumbi 50. Abo basirikare bari mu mabatayo ashika umunani bakaba bavuga ko ari ubusuma bweruye bukorwa n’ababatwara .

Must Read

Uburangamuntu bwa mbere bukozwe mu buhinga bwa “biométrique” bugiye gutangwa mu...

0
Uburangamuntu bwa mbere bukozwe mu buhinga bwa none bwa "biométrique" bugiye gutangura kuboneka mu Burundi kuva mu kwezi kwa kigarama . Amakomine 11 ya...