Thursday, September 28, 2023
No menu items!
HomeNewsAbanyagihugu begereye inyubako ya Bunyoni iri mu Kanyosha bavuga ko bariko bahohoterwa...

Abanyagihugu begereye inyubako ya Bunyoni iri mu Kanyosha bavuga ko bariko bahohoterwa n’uwo mutegetsi.

Agahinda n’imyidogo ni vyinshi ku banyagihugu bo muri karitiye Nkenga-Busoro yo muri zone kanyosha begereye inyubako y’umushikiranganji wa mbere Alain-Guillaume . Kuva uwo mutegetsi atanguye kuhubaka, amazu y’abo banyagihugu yaciye abomorwa abandi nabo babankira gusubira kuhubaka.Image

Abo banyagihugu bo muri karitiye Nkenga-Busoro bavuga ko bariko bategekwa n’uwo mutegetsi gukuraho amazu bahubatse ata n’ikindi bahawe kandi ari mu matongo yabobiguriye. Muri kino gihe, abanyagihugu basanzwe begereye iyo nyubako y’uwo mutegetsi, bavuga ko babuze ayo bacira n’ayo bamira. Ivyo bigaterwa nuko babwiwe nuko bategerezwa gusiga imetero 200 uvuye ahari iyo nyubako ya Alain-Guillaume Bunyoni.

Abanyagihugu bafise amatongo ari hafi y’iyo nyubako y’uwo mutegetsi iyo babajije igituma bariko barabomorerwa, bishurwa ko «Nyakubahwa» ariwe yasavye ko izo nzu zabo zihava gutyo ashobore kwisanzura. Ni mugihe benshi mubahafise amatongo bafise imiryango kandi bahaguze kugira baronke aho bashira iyo miryango yabo.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments