Wednesday, May 31, 2023
HomeNewsUburundi butegerezwa gutsimbataza intwaro rusangi y'ukuri kandi irimwo impande zose (Intumwa ya...

Uburundi butegerezwa gutsimbataza intwaro rusangi y’ukuri kandi irimwo impande zose (Intumwa ya ONU ku Burundi).

Igihugu c’uburundi gitegerezwa gushira mu ngiro itsimbataza ry’intwaro rusangi y’ukuri kandi ihurikiyemwo abarundi bose. Ivyo vyashikirijwe kuri uyu wa gatanu n’intumwa idasanzwe ya ONU ku Burundi Fortuné Gaetan Zongo aho iyo ntumwa yasohoye itangazo inyuma yaho yariko ashikiriza icegeranyo ciwe ca mbere mu gisata ca ONU kijejwe ivy’agateka ka zina muntu.

Muri iryo tangazo ryo kuri uyu wa gatanu, intumwa idasanzwe ya ONU mu gisata c’agateka ka zina muntu mu Burundi, asaba uburundi kwihatira gushiraho intwaro yubahiriza amategeko mu kurwanya ukudahana na cane cane ku vyaha vyakozwe mu mwaka wa 2015 . Fortuné Gaetan Zongo avuga ko agateka ka muntu kagumye gahungabana naho hari bamwe mu bategetsi b’uburundi basa nuko bafise ishaka ryo kugomba gukosora bimwe bimwe .

Iryo tangazo rikaba ryasohowe n’iyo ntumwa ya ONU idasanzwe ku Burundi mu gihe yariko ashikiriza icegeranyo ciwe ca mbere kuva agenywe muri ayo mabanga. Uwo munya Burkina Faso abandanya avuga ko kugira indyane zazingamitse uburundi ziranduranwe n’imizi ko vyihuta kandi ko ari nkenerwa haba demokarasi yukuri kandi iboneka yubahiriza bose idakumira.

Iyo ntumwa yibutsa Leta y’uburundi itegerezwa kwerekana ingene ivyaha vyose vyakozwe kuva mu mwaka wa 2015 iriko irabihana ata nkunzi na mpinga yanje . Inzego nazo zigasubirwamwo kugira umurundi wese yumve ko afise ituze mu mutima. Ku bijanye n’abantu baburwa irengero, Gaetan Zongo asaba Leta y’uburundi gutera igikumu ku masezerano mpuzamakungu akingira kiremwa muntu wese maze icaha co kunyuruza abantu bakaburwa irengero kigatuzwa.

Iyo ntumwa ya ONU iributsa kandi ko imirwi y’igihugu yo kumenya ukuri itegerezwa kuba iy’abarundi bose ikaba iyirondera ukuri koko maze ntibe iyogucanishamwo abarundi mugukorera inyungu z’umurwi umwe canke Umugambwe. Fortuné Gaetan Zongo avuga kandi ko mu Burundi amashirahamwe yigenga co kimwe n’ibimenyeshamakuru bidakora neza mbere ko abaharanira agateka ka zina muntu babayeho nabi mu buhungiro mu bihugu bahungiyemwo. Ivyo biri uko mu gihe no mugihugu imigambwe itavuga rumwe na Leta , amashirahamwe canke amasendika adafitiye ububasha bukwiye bwogukora canke guhura bagira inama.

Iyo ntumwa ikabandanya isaba abarongoye uburundi ko bomuha akaryo ko kubonana nawe bakamuha uburenganzira bwo kuja gukorera mu Burundi kugira basenyere ku mugozi umwe mu guharanira agateka ka zina muntu no gutorera umuti urama hamwe ku ngorane zihanze uburundi na cane cane mu gisata c’agateka ka zina muntu akoranye n’abategetsi n’inzego zitandukanye z’uburundi.

Must Read