Leta y’uburundi isabwa kurekura abantu bose bapfunzwe bazira ukwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umuhisi Petero Nkurunziza hamwe no gukuraho imitahe yose irondera abahakanye ico kiringo ca gatatu. Bivurwa na muganga Jean Minani arongoye urunani rw’abanyepolitike batavuga rumwe n’ubutegetsi CNARED. Minani akaba abitangaje inyuma yaho bimenyekaniye ko sentare y’akarere ya EAC yaciye urubanza rwemeza ko ikiringo ca gatatu ca Nkurunziza cahonyanze amategeko harimwo n’ibwirizwa shingiro ry’uburundi.
Nkuko tubikesha iradiyo Inzamba agateka kawe, Uwo munyepolitike ari mu buhungiro aragira ivyo asaba Leta ihari ubu yoca ikora kuko ivyitwazo vy’ikiringo ca gatatu c’umuhisi Petero Nkurunziza bitagifise ishingiro nkuko sentare y’akarere ka Afrika y’ubuseruko yabitangaje:
1.Nuko uburundi n’abategetsi b’ico gihugu ko mu maguru masha bofuta ingingo zose zipfunga canke imitahe yose yatanzwe kubera ukwanka ico kiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza.
2.Ko abo bose bapfunzwe kubera ico kiringo ca gatatu boca bapfungurwa mu maguru masha , impunzi zose maze zigataha zigatahana iteka kandi zikakirwa mu buntu.
3. Nuko indongozi zose zaba abanyepolitike, zaba abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike ,canke mu bamenyeshamakuru bose batavuga rumwe n’ubutegetsi bose botaha ata numwe acaguwemwo ngo hari icitwazo cuko uyu nuriya afise umutahe umukwirikirana.
4.Nuko botegekanya kwambika umutamana wera abo bose bagandaguwe , bahunze , bapfunzwe , banyazwe ivyabo bakemeza ko bahawe iteka kuko kuba bariyamirije ico kiringo ca gatatu bari mu kuri.
5.Nuko amasezerano y’i Arusha yosubizwa agateka.
6.Nuko hoca habaho ibiganiro bidasanzwe mu Burundi birabira hamwe bigasubira bigasuzumwa amasezerano y’i Arusha ko ivyari vyaremeranijwe I Arusha biriko bija mu ngiro.
Tubamenyeshe ko Sentare ya Afrika y’ubuseruko mu gisata cayo co mw’iyungururizo catangaje ko ikiringo ca gatatu c’umuhisi Perezida Nkurunziza cahonyanze ibwirizwa shingiro ry’uburundi, amasezerano ya Arusha hamwe n’amategeko agenga umuryango wa EAC mu duce twayo twa 5,6,7 na 8 bitewe nuko sentare y’uburundi yubahiriza ibwirizwa shingiro yemereye umuhisi Perezida Nkurunziza akitoreza ico kiringo ca gatatu. Iyo Sentare yasomye urwo rubanza aho amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike yo mu Burundi co kimwe n’ayo mu karere ka Afrika y’ubuseruko yitwariye Leta y’uburundi mw’iyo sentare ku bijanye n’ikiringo ca gatatu c’umuhisi Perezida Nkurunziza.
Naho iyo sentare ya EAC yemeje urwo rubanza ukwo, Imenyesha ko idashoboye ko ishirwa mu ngiro ry’urwo rubanza ritoroshe kuko haza ubu mu Burundi hari izindi nzego nshasha ko kandi umuhisi Petero Nkurunziza yihagiye ico kiringo ca gatatu ata kiriho. Mu mashirahamwe yo muri «société civile »y’uburundi no mu karere yitwaye muri iyo sentare agashima ukwo iyo sentare yavyifashemwo neza ndetse bagasaba indishi yo guha abarundi bahuye n’amakuba yo mu mwaka w’2015.
Recent Comments