Monday, May 29, 2023
HomeNewsAbanyamitahe ba KIRA HOSPITAL bemeje ko SAHABO Christophe asubizwa mu burongozi bw'ivyo...

Abanyamitahe ba KIRA HOSPITAL bemeje ko SAHABO Christophe asubizwa mu burongozi bw’ivyo bitaro.

Inama ya bose y’abanyamitahe bo mu bitaro KIRA HOSPITAL isubiza mu kibanza ciwe muganga SAHABO Christophe co kurongora ivyo bitaro. Ivyo bibonekera mu cegeranyo c’inama ya bose yakoranye kuwa 8 Nyakanga 2022 hagamijwe gutorera umuti ingorane zirangwa mu bitaro KIRA. Ico cegeranyo kikaba kidondagura ingingo zafashwe biciye mu matora y’abo banyamitahe bose yitabwe n’abarenga ibice 50%.

Abarenga ibice 62% nibo banyamitahe bitavye ikoraniro ridasanzwe ryo gutorera umuti ibibazo bimaze imisi birangwa muri KIRA yabaye kuwa 8 Nyakanga 2022, nkuko tubisanga mu cegeranyo c’uwari yagenywe na muganga Jean-David pillot yahoze arongoye urwego nshingwantwaro rw’ibitaro KIRA ngo akore igikorwa co gusuzuma ko ibitigiri vya bitavye vyubahiriza amategeko.Ingingo zitandatu nizo zatowe zongera zishirwaho muri iyo nama yari yatumiwemwo abanyamitahe bose harimwo iyigena muganga SAHABO mu mabanga y’umuyobozi mukuru w’ivyo bitaro. Iyo ngingo ikaba ifitaniye isano hamwe n’iya gatandatu nayo ivuga ko abo banyamitahe ku ruhande rwabo bemeza ko icegeranyo co kuwa 31 Ntwarante 2022 cerekana ibice abanyamitahe bafise umwumwe wese afise.

Ingingo ya kane yerekana ko itanga imihoho rya muganga SAHABO Christophe na muganga Jean-David Pillott vyakozwe kw’iterabwoba n’ihohoterwa bakorewe ko rero kubw’iyo mvo, ingingo n’amategeko vyose vyagiye birafatwa inyuma yaho ko ata gaciro bifise. Muri iyo ngingo kandi ya kane, abo banyamitahe bakaba bamenyesheje ko ibitaro KIRA bitigeze vyitwarira kandi ko ata rubanza bifitaniye mu butungane na muganga SAHABO Christophe. Ikindi ni iyindi ngingo igabura intebe abanyamitahe bafise umwumwe ku rwego nshingwantwaro , yaratowe n’iyo nama ya bose.Iyo ngingo igira gatatu yerekana ukwo ibibanza bigabuwe mu rwego nshingwantwaro yerekana ko Charles Ndagijimana yari umuserukizi mw’ivyo bitaro w’ishirahamwe rya Leta SOCABU ko atagifatwa muri urwo rwego nkumwe mubarugize. Inyuma yo kwerekana amazina y’abagize urwego nshingwantwaro, inama y’abanyamitahe ba KIRA HOSPITAL yamenyesheje ko SOCABU izokwerekana uwundi ayiserukira atari Charles Ndagijimana.

Must Read