UBM News ads UBM News ads
Saturday, April 20, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Abatavurwa rumwe na Cndd-Fdd babandanya guterwa ubwoba -Kefa Nibizi

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Uwurongoye umugambwe CODEBU iragi rya Ndadaye Kefa Nibizi avuga ko mugihe himirije amatora hariho urwaruka rumwe rumwe rubandanya kuvuga amajambo mu ndirimbo asa n’ayatera ubwoba abari muyindi migambwe itavuga rumwe na Cndd-Fdd kugira bababuze umwidegemvyo,ayo majambo ni nk’aya”uwuzorukarisha ruzomumwa,haje ba mujeri igihugu ntituzobaha”.Ibi Nibizi yabivugiye kuri Radiyo Isanganiro mu kiganiro kunama kuri uyu w’Imana.


Kefa Nibizi ntiyashoboye gutomora neza abo baririmba izo ndirimbo.agira ati:«Hariho inyigisho abantu bashobora kuba bigisha mu migambwe yabo nta muntu numwe turumva yigisha abanywanyi inyigisho zinyuranye no kubana neza n’abandi muga iyoturavye ibintu bikorwa mu nyuma turibaza ko hashobora kuba hariho abantu bamwe bamwe bavugira kumugaragaro neza muga binyegeje bakavuga ibindi nkubu mur’iyi misi ya vuba hariho indirimbo zasubiye kuririmbwa ukumva ngo ngo tugiye mu matora uwuzorukarisha ruzomumwa abandi ngo haje za mujeri ngo igihugu ntituzobaha ukibaza uti abo ba mujeri ni bande?abo bagitanga ni bande?abatazogihabwa ni bande»?

Kefa Nibizi amanyesha kandi ko hari bamwe mu bajejwe intwaro biteza utunyoni mu kwanka gutanga impusha kubanyamigambwe baba bashaka gukora ibikorwa vya politike aho atanga akarorero k’ibiherutse gushikira umugambwe arongoye muri Nyanza-Lac mu ntara ya Makamba aho musitanteri yabanje kubaza mubo hejuru kugira bemererwe gukora inama birangira babankiye gukora inama .agira ati:«izindi ntambamyi hariho abajejwe intwaro bamwe bamwe cane cane ugiye ku mazone ugashika ku mitumba usanga abantu bibaza ko atawundi mugambwe ushobora kugira uburenganzira bwo kugira ibikorwa vya politike mu burere barongoye atari umugambwe w’iwabo.

Urwaruka rukwiye gushira inguvu hamwe mu kwubaka igihu ata numwe avuyemwo ahorwa ivyiyumviro vyiwe vya politike. Mu butandukane bwabo n’izo nguvu z’igihugu.kuko uwo mudahuje ivyiyumviro vya politike si uwo kwicwa canke ngo aterwe ubwoba kuko amatora arahera mugasubira kubana.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments