Friday, December 2, 2022
HomeUmutekanoUburundi busabwa gutanguza ibiganiro n’imihari ikomoka mw’ico gihugu (Abategetsi ba Kivu y’ubumanuko).

Uburundi busabwa gutanguza ibiganiro n’imihari ikomoka mw’ico gihugu (Abategetsi ba Kivu y’ubumanuko).

Uburundi co kimwe n’ibindi bihugu vyo mu karere bisabwa gutanguza ibiganiro n’abo batavuga rumwe bafashe inzira yo kurwana bakoresheje ibirwanisho uno musi babarizwa ku butaka bwa Congo. Biri mu rwandiko bamwe mu bagize Leta ya Congo muri Kivu y’ubumanuko basavye Umuhuza mukarere ka Afrika y’ubuseruko Uhuru Kenyatta, nkuko tubisanga mw’ikete ryashizwe ahabona kuri uyu wa mbere.

Urwo rwandiko rwateweko umukono n’abantu cumi na bane bagize Leta ya Congo mu bumanuko bw’intara ya Kivu. Muvyo bandikiye Uhuru Kenyatta , umuhuza mu matati ya Congo yagenywe n’akarere ka EAC, harimwo ukumwereka ko mu mirwi myinshi iri mw’ico gihugu kandi yafashe inzira y’ibirwanisho harimwo iyo mu bihugu nk’uburundi, urwanda n’ubuganda.

Bakaba bamusavye gutanguza ibiganiro hagati y’abo vyega no gukura muri kivu y’ubumanuko iyo mirwi yose yafashe ibirwanisho kuko abanyagihugu baho I kivu barushe. Mu Burundi, abo bategetsi ba Kivu y’ubumanuko baka bavuze imihari ya RED-TABARA, FNL na FOREBU. Bahejeje bamusaba gukora ibishoboka vyose ngo iyo mirwi isubire mu bihugu yaje iturukamwo .

Must Read

Perezida Kagame yagiriza Tshisekedi kwitwaza intambara ya M23 kugira yunguruze amatora...

0
Umukuru w’igihugu c’Urwanda, Paul Kagame yagiriza mugenzi we w’igihugu ca Congo, Felix Tshisekedi ko yoba afise imigambi yo kwitwaza ibibazo vy’umutekano muke urangwa mu...