Thursday, June 8, 2023
HomeNewsLauria Claudine Nzirumbanje nta mico n’imigenzo vy’abarundikazi yahonyanze (Uwahoze ari mu bategura...

Lauria Claudine Nzirumbanje nta mico n’imigenzo vy’abarundikazi yahonyanze (Uwahoze ari mu bategura Miss Burundi)

Ubushikiranganji muvyo bujejwe harimwo imico kama bwaratangaje kuri uyu w gatatu ko buteye ivyatsi inyambaro y’umwigeme Laurie Claudine Nzirumbanje yaserukiye igihugu c’uburundi mw’ihiganwa rya Miss Earth 2022 ririko ribera mu gihugu ca Philippines.Ubwo bushikiranghanji bukavuga ko ubwambure bwerekanywe n’uyo mwigeme ari mw’iryo higanwa binyuranye n’imico n’imigenzo vy’abarundikazi. Umwe mu bahoze ari mu batunganya mu Burundi ivy’amahiganwa y’abigeme beza avuga ko ata kosa umwigeme Nzirumbanje yakoze kuko yari mw’ihiganwa rizwi kandi rifise ukwo ryateguwe . Kubwiwe, abona uwo mwigeme yari kuba ahonyanze imico n’imigenzo vy’abarundikazi ari hamwe yokwambara kuriya ku nyungu ziwe kandi ariwe avyishakiye.

Umwe mu barundi ariko ativuga izina ryiwe kumvo z’umutekano wiwe yigeze kuba ari mu bategura ihiganwa rya Miss Burundi twahaye izina rya M.J yavuganye na UBM News agira ati :” Urya mwigeme nibamureke kumuvuga nabi ahubwo abarundi twese tumushigikire atsinde. Rirya higanwa ririko ribera muri Philippines rirafise ukwo ryatunganijwe kandi muravye neza Lauria Claudine yari yambaye kumwe n’abandi bigeme baje bava mu bindi bihugu vyo kw’isi. Rero ndabona ko bamurengeye akarimbi mukumwagiriza ko yahonyanze imico n’imigenzo vy’abarundikazi. Yategerezwa kwambara kurya nkuko vyari biri mumategeko agenga rirya higanwa”

M.J arongera ati :”Naje noteye ivyatsi irya nyambaro ari hamwe urya mwigeme yoshira ifoto ziwe ku mbuga ngurukanabumenyi yifotoje kubera inyungu ziwe ashaka gushikako, Abarundi twese twomutera ivyatsi.”

N’ishavu ryinshi, Ubushikiranganji bw’imico kama bwaciye bwongera kumenyesha ko Umurundikazi Lauria Claudine Nzirumbanje ivyo yakoze bimuraba ku gatwe kiwe kuko ataserukiye igihugu c’uburundi mw’iryo higanwa ndetse ko Nzirumbanje akwiye gukosorwa kubera ivyo yakoze.

Must Read

Uganda:Perezida Yoweli Museveni yatowe umugera wa Covid-19.

0
Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata...