Prezida Evariste Ndayishimiye yemeza ko uburundi bwugarijwe n’igiturire no ku kunyonyeza amatungo ya Leta ariko yemeza ko ahagurutse kurwanya uwo wese arya igiturire gushika aho uyu mwaka wa 2025 uhera uburundi butakirangwamo igiturire no kunyuruza amatungo ya Leta.
Varisto Ndayishimiye ati:”uwo ubonye wese arya igiturire mudomeko urutoki,Nimba utinya ko agukubita,unshikire umumbwire nfate ingingo”.

Mu gihe kuri uyu wa gatanu hatangujwe umwiherero w’imisi 2 wo kurwanya igiturire ku rwego rw’igihugu,Prezida Evariste Ndayishimiye ata ishavu ku ndongozi zamutanye urugamba wenyene rwo kurwanya igiturire.
Prezida Evariste Ndayishimiye avuga ko adashobora gutambikiza hose ngo ahashobore wenyene mu gihe indongozi arizo zategerezwa gufasha uyu mugambi wo kurwanya igiturire.
Umukuru w’igihugu atera akamo indongozi,amashirahamwe ataho yegamiye mu vya politike,amashengero kudoma urutoki kuri uwo wese anyuruza amatungo ya Leta no kurya igiturire.
Nimba batinya naho ko bokubitwa,Evariste Ndayishimiye abasaba kuza baramushikira bakamubwira abarya ibiturire maze nae akagafata ingingo ruhasha.
Prezida Ndayishimiye yiyemeje kurwanya igiturire gushika aho uyu mwaka wa 2025 uzohera ata giturire coba kikirangwa mu Burundi.





Recent Comments