M23 YOBA YATINYE KWISUKA KU NGABO Z’UBURUNDI?
Mubisanzwe Ingabo z’Uburundi ni Intwari ku Rugamba,kandi ntizitinya urukamvye! Bafise ExpĂ©rience Ku Rugamba kuko bamaze kurwana mu Bihugu vyinshi kandi bagahangana n’intagondwa zikomeye kurusha RDF.
Ikibazo bahura naco ni guhemukirwa gusa,ikindi kandi gikomeye baciwemwo imirwi n’abategetsi b’Igihugu kubw’Inyungu zabo!

Umusirikare yazananye muri CNDD FDD afise favour nyinshi gusumba aba EX-FAB canke abazanye muri FNL na CNDD ya NYANGOMA!
Mugihe rero uri umutegetsi,ukubahuka gu treatinga Abasirikare ugutandukanye uba uriko wiyugarana! Kuko haragera igihe bakakwereka ko ivyo wabagiriye babibona bakinumira!
Ubwo rero nabwo n’ubuhemu mu bundi, Muri Congo,izi ngabo zarakoze birashimwa pe,ikibazo zahuye naco nuko uwo bagiye gufasha(FARDC)nawe yaraguzwe kera,
FARDC irimwo ibice bibiri,
-Abayoboka Joseph Kabila abo nibo bagurisha Abandi,bakabicisha kuri M23 harimwo n’Ingabo z’Uburundi mu kuzitana urugamba no gutanga amakuru kuri M23!
-Bakeyi bayoboka Leta ya Tshisekedi,ariko nabo aho bakwamira nuko aba Chefs(High commenders) nka bose barariye Inoti za Kagame,Abandi nabo no Abantu biwe! Aha rero ni ngombwa urugamba rudindire kuko umusoda muto akorera kw’itegeko ry’uwumutwara!
Ubu nibwo buhemu Ingabo z’Uburundi zagiye zihura nazo hariya muri Nord-Kivu! Ubundi buhemu bahemukiwe na Leta y’Uburundi nyene ubwayo,Amafranga bakorera ntibayaronswe,bakayumva Ku matwi,ibikoresho bidakwiye kandi atari vya none,mugihe uwo wahanganye afise ama drones asuma urusaku,akaba afise ibirwanisho bigezweho,….
M23 yatinye kwinjira UVIRA:
UVIRA ni igisagara cegeranye cane na Bujumbura,
Nahantu hahambaye cane kuri Leta y’Uburundi muri Kino gihe,hamwe M23 yohafata Leta ya Bujumbura ntiyoba itekanye na gato! Nya saganirizo Leta y’Uburundi yoba isigaranye mu kwinjira muri Congo!
Nico gituma ahahantu M23 yagize amakenga menshi kuhinjira,kuko yokwisanga mubibazo bidasanzwe! Kuko barazi neza ko ari ngombwa Leta Bujumbura ibe yashize inguvu nyinshi kuri Uvira! Amayeri rero AFC/M23 ishobora gukoresha,irashobora kuba irihojeje Uvira ikiririko yisuganya yegeranya inguvu kugira izigire igitero sindamusiga! Canke ikadugira ikamanyola kuko hoho barahafashe,bagaca i Minembwe bagashika FIZI,bagaca bururukira za BARAKA Ku buryo Uvira isigara hagati yabo! Bagaca bagaba igitero rero Sindamusiga Umurundi ataho Asaganiriza!
Mwibukeko imisozi miremire yose ihanamiye Uvira Abanyamulenge nibo bayibamwo,ni Nyuma yayo hose nibo gusa! Aha rero Leta y’Uburundi ibandanye iba maso,kuko no mu Burundi AFC/M23 irahari kandi benshi cane!!
Erega kuba umu M23 si ngombwa ube uri muri Congo kurasa! Mu gihe ugendera muri Ideology yayo nawe uba uriwe!! Mu Burundi rero abumva Ideology ya M23-RDF ni benshi cane!!! Harya umwansi wa mbere mubi ni uwukwinyegejemwo!! Nivyo biriko bishikira Leta Tshisekedi!!!





Recent Comments