UBM News ads
Tuesday, March 5, 2024
No menu items!
UBM News ads

Uburundi burabandanya gusaba amadeni hagati mu gihugu yiyongera kuri miriyaridi 6000 busanzwe buheranye.

Leta y’uburundi yarongeye gusaba ideni rya miriyaridi zirenga 100 z’amarundi mu kiringo kigizwe n’amezi ya Mukakaro, Myandagaro na Nyakanga uyu mwaka wa 2023. Iryo deni rikaba ryaraye ryiyongeye ku rindi ry’amamiriyaridi yababa ibihumbi bitandatu uburundi bwahorana. Ivyo bikaba vyaraye bitangajwe n’ishirahamwe PARCEM ryiyemeje gukangurira abarundi ngo bahindure ingendo mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kane. Faustin Ndikumana arongoye PARCEM akaba yamenyesheje ko ivyo gutera imbere kw’uburundi bikigoye mu gihe Ico gihugu kibandanya gisaba amadeni hagati mu gihugu aho ikibabaje aca akoreshwa mu buryo budasiguritse.

Ariko ashikira ahabona umwihwezo wakozwe n’ishirahamwe arongoye ku bijanye n’ingingo iheruka gufatwa n’ibanki nkuru y’igihugu BRB mu kuduza urugero rw’inyungu itizako amafaranga ku mabanki y’ubudandaji avyipfuza, yagize atya :«Ideni ry’imiriyari di zirenga 100 z’amafaranga y’amarundi niryo uburundi bwafashe mu gice ca gatatu c’uyu mwaka turimwo (kigizwe n’ukwezi kwa Mukakaro, Myandagaro na Nyakanga). Iryo deni rikiyongereye ku rindi deni ry’imiriyaridi zababa 6000 z’amarundi uburundi bwahorana».

Kubw’uwo muhinga mu vy’ubutunzi, Kurondera amafaranga yo kuriha ayo madeni biri mu vyatumye urugero rw’inyungu ibanki nkuru BRB itangako ingurane ku mabanki y’ubudandaji ruduzwa kuva ku bice 5% gushika ku bice 10%.
Ikindi uwo arongoye PARCEM yagarutseko, ni ukugene Leta iguma isaba amadeni kandi nivyo bakora bitagaragara. Yagize ati :« Urafashe ideni ariko mu nyuma ukumva ngo amahera wewe ukoresha ntakurikiza neza imigambi y’iterambere uba wateguye? None ayo mahera uyatse uca uyakoresha iki? Indongozi zikwiye gukoresha ubutunzi bw’igihugu ico bwagenewe kandi mu muco».

PARCEM yabishikirije mu gihe kandi haheruka gusohoka icegeranyo c’isuzuma ry’ukugene ama Leta akoresha amafaranga aho vyabonetse ko uburundi bukiri inyuma mu bijanye n’ivy’ubutunzi bw’igihugu. Nkuko abandi bigaragara muri ico cegeranyo co mu mwaka wa 2022, mu bindi bihugu vyo mu karere, uburundi akaba arico gihugu conyene kitongereje umwimbu.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments