UBM News ads
Tuesday, March 5, 2024
No menu items!
UBM News ads

Abo mu bwoko bw’abatwa hamwe n’abakorerabushake nibo bagiye kuzohora bahabwa akazi k’ubwigisha imbere y’abandi (Martin Ninteretse)

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Martin Ninteretse yategetse ba buramatari bose ko gutanga akazi k’ubwigisha mu ntara barongoye bazotegerezwa kubanza kugaha abari mu bwoko bw’abatwa hamwe n’abakorerabushake.

Mu gihe bahejeje guha akazi abo mu bwoko bw’abatwa hamwe n’abakorerabushake bose bakwije ibisabwa inyuma yo gukora ibibazo hanyuma bagasanga hariho ibibanza bisigaye ngo niho hazoca hatunganywa ihiganwa ku bandi banyagihugu bipfuza ako kazi ko kwigisha.

Ivyo tubisanga mu rwandiko ruheruka kwandikwa n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n’umutekano mu Burundi Martin Ninteretse.

Bamwe mu bakorera mu gisata c’indero twavuganye baranegura iyo ngingo yafashwe n’uwo mushikiranganji kuko ikumira abafise ubumenyi bukwiye bwo kwigisha.
Aha bakavuga ko kuba abakorerabushake aribo bashizwe mu bohabwa akazi imbere y’abandi ari ikintu ciza kuko baza bamenyereye umwuga ndetse bakaba barariye umutima amenyo baremera gukora batahembwa nka bagenzi babo. Ariko ico batumva na gato ni ikijanye nuko abo mu bwoko bw’abatwa bohabwa akazi ukwo nyene batabanje gupimwa ubumenyi n’ubushobozi bafise kubera ko ngo ari abatwa. «Ico rero ndabona ko ari ugutesha agaciro igisata c’indero mu Burundi kuko uwo mutwa adashoboye nsimbona ico azotanga imbere y’abanyeshure» Niko M.B akorera mu bugenduzi bw’indero mu gisagara ca Bujumbura avuga.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments