Leta y’uburundi iheranye ideni ringana na miriyaridi ibihumbi 3689.000.000.000 y’amafaranga y’amarundi . Kubera ko uburundi butagifise uruhusha rwo gufata ideni hanze y’igihugu, Ayo madeni yose Leta yayafashe hagati mu gihugu ariko ikibabaje nuko atigeze afasha mw’iduzwa ry’ubutunzi bw’igihugu. Ivyo bikaba vyaraye bishikirijwe na Gabriel RUFYIRI arongoye ishirahamwe OLUCOME hari mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru ku bijanye n’itegeko rigenga amahera Leta ikoresha ku mwaka ku mwaka uko ryifashe.
Abasanzwe barize ivy’ubutunzi babona ko kugira iryo deni Leta ishobore kuririha nuko umunyagihugu wese w’umurundi yotanga ibihumbi amajana atatu birenga gato vy’amarundi (300.000FBU). Ikiboneka kubwabo bahinga nuko Leta itariko ikora ibikorwa vy’iterambere vyinjiza amafaranga mu gihugu kugira ayo madeni yose ashobore kurihwa bukubuke.
Mw’ico kiganiro, Gabriel RUFYIRI yarongeye amenyesha ko amafaranga Leta izokoresha uy’umwaka wa 2022/2023 Leta y’uburundi yayadugije kugera ibice 40% ni ukuvuga imiriyaridi 631 y’amafaranga izotoza mu makori n’amatagisi ivyo navyo bikerekana ko atari ugutubika uwavubi biriko bikorwa kuko yategerezwa kugabanya ivyo izokoresha kugira abanyagihugu b’abarundi batobato ntibakandamizwe.





Recent Comments