Thursday, September 21, 2023
No menu items!
HomeNewsPerezida Uhuru Kenyatta asaba ko harungikwa vuba inteko z'akarere ka EAC muri...

Perezida Uhuru Kenyatta asaba ko harungikwa vuba inteko z’akarere ka EAC muri Congo.

Umukuru w’igihugu ca Kenya , Uhuru Kenyatta yasavye kuri uyu wa gatatu ko horungikwa vuba inteko z’akarere ka EAC kugira zigarukane umutekano mu buseruko bwa Congo  aho intambara zikomeye ubu ndetse zahavuye zivamwo inzankano mu bihugu vy’akarere. Mw’itangazo yaraye asohoye , Perezida Uhuru wa Kenya avuga ko Abakomanda b’ibisirikare vy’ibihugu indwi vya EAC bazohura ku musi w’Imana kugira baheraheze imyiteguro yo kurungika izo nteko z’ karereImage

Nkuko tubikesha iradiyo ijwi rya Amerika mu gisata co mu Kirundi no mu Kinyarwanda, ingingo yo gushiraho izo nteko z’akarere yumvikanyweko mu kwezi kwa Ndamukizahari igihe Perezida Knyatta yakira abategetsi ba Uganda , uburundi, urwanda na RDC i Nairobi  aho baganiriye  kuri uwo mutekano muke urangwa muri Congo.

Izo nteko z’akarere zikazorungikwa mu ntara za Ituri, Kivu y’uburaruko na Kivu y’ubumanuko  kugarukana umutekano  muri ako karere  no gutsimbataza amahoro.

Perezida Kenyatta yavuze kandi ko izo nteko zizokoran n’abategetsi b’izo ntara  kandi bakorane vya hagufi n’umurwi wa ONU uri mw’ico gihugu, MONUSCO mu kwaka ibirwanisho abo bose babifise bitemewe n’amategeko.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments