UBM News ads

Uburundi buheranye ideni ryo hagati mu gihugu ringana na miriyaridi ibihumbi 3689 z’amarundi (OLUCOME).

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Leta y’uburundi iheranye ideni ringana na miriyaridi ibihumbi 3689.000.000.000 y’amafaranga y’amarundi . Kubera ko uburundi butagifise uruhusha rwo gufata ideni hanze y’igihugu, Ayo madeni yose Leta yayafashe hagati mu gihugu ariko ikibabaje nuko atigeze afasha mw’iduzwa ry’ubutunzi bw’igihugu. Ivyo bikaba vyaraye bishikirijwe na Gabriel RUFYIRI arongoye ishirahamwe OLUCOME  hari mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru ku bijanye n’itegeko rigenga amahera Leta ikoresha ku mwaka ku mwaka uko ryifashe.Image

Abasanzwe barize ivy’ubutunzi  babona ko kugira iryo deni Leta ishobore kuririha nuko umunyagihugu wese w’umurundi yotanga ibihumbi amajana atatu birenga gato vy’amarundi (300.000FBU). Ikiboneka kubwabo bahinga nuko Leta itariko ikora ibikorwa vy’iterambere vyinjiza amafaranga mu gihugu kugira ayo madeni yose ashobore kurihwa bukubuke.

Mw’ico kiganiro, Gabriel RUFYIRI yarongeye amenyesha ko amafaranga Leta izokoresha uy’umwaka wa 2022/2023 Leta y’uburundi yayadugije  kugera ibice 40% ni ukuvuga imiriyaridi 631 y’amafaranga izotoza  mu makori n’amatagisi ivyo navyo bikerekana ko atari ugutubika uwavubi biriko bikorwa kuko yategerezwa kugabanya ivyo izokoresha  kugira abanyagihugu b’abarundi batobato ntibakandamizwe.

 

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments