UBM News ads

Uburundi buheranye amadeni aharurwa ku ma miriyaridi 5300 yose hamwe,PARCEM ibona ko Leta yo kwunga ubucuti n’ibindi bihugu kugira ibone kuriha ayo madeni.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Leta y’uburundi iheranye ideni ry’imiriyaridi 5300 rigizwe na miriyaridi 4000 ryo mu gihugu hagati hamwe na miriyaridi 1300 ryo hanze y’igihugu. Umwigisha wo muri kaminuza akanaba n’umuhinga mu vy’ubutunzi, Gilbert Niyongabo yabishikirije mw-iyindwi turiko tusozera mu ruganda rwatunganjwe n’ishirahamwe PARCEM rwo guhanahana ivyiyumviro ku hantu hova uburyo bwo guterera ingengamahera Leta izokoresha mw’uy’umwaka wa 2023-2024. Muri PARCEM bavuga ko umuntu yihweje ayo madeni nuko Leta y’uburundi yo kwunga ubucuti n’ibindi bihugu maze ayo mafaranga iheranye akaza araboneka ndetse akanarihwa.

Ivyo biri ukwo mu gihe mu mafaranga Leta iheruka gutora ngo izokoreshe mu mwaka wa 2023-2024 hibonekezamwo igihengeri ca miriyaridi 700. Ico gihengeri kizogumaho nubwo Leta izoronka ama miriyaridi 900 itegekanya kuzokura hanze y’igihugu.

Kubwa Faustin Ndikumana arongoye PARCEM, abona ko hamwe Leta y’uburundi yotsimbataza imigenderanire n’ibindi bihugu, hazoheza hakaboneka amafaranga y’agaciro gutyo ishobore kuza irariha iryo deni iheranye. Umuhinga mu vy’ubutunzi Gilbert Niyongabo agasaba Leta gushiraho igitigiri ntarengwa c’ideni igihugu gifata. Kubwiwe, ngo bofatira ku bice 70 canke 80 kw’ijana vy’amafaranga igihugu cinjiza.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments