UBM News ads UBM News ads
Thursday, May 23, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Leta y’uburundi ishobora kwiteranya n’abayifasha kubera yase kuja mu mwihwezo w’ukungene agateka ka zina muntu kifashe mu Burundi, Bivurwa na Human Rights Watch.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Leta y’uburundi ngo ishobora kwiteranya n’abayifasha kubera yanse kuja mu mwihezo w’ukungene agateka ka zina muntu kifashe mu Burundi.Bivurwa na Clémentine de Montjoye aserukira ishirahamwe Human Rights Watch ku mugabane wa Afrika. De Montjoye abonako inyifato yerekanywe n’umurwi wari warungitswe i Génève yerekana ko Leta y’uburundi ishaka kunyegeza ukwo agateka ka zina muntu kifashe mu gihugu. Agasaba Abategetsi b’uburundi kureka amashirahamwe adaharanira inyungu za politike agakora ukuri kwamye .

«Iyo ngingo irababaje yerekana ko ubutegetsi bw’uburundi budashaka gukorana n’inzego za ONU. Abajejwe kuraba ingene agateka ka zina muntu kifashe mu Burundi twokwibutsa ko uburundi buguma bwanka gukorana n’intumwa idasanzwe ya ONU bukaba bwarugaye ibiro vy’agateka ka zina muntu vya ONU mu gihugu mu 2019. Hama ikindi giteye amakenga nuko Leta ibandanya yisunga urubanza rwaciriwe abaharanira agateka ka zina muntu n’abamenyeshamakuru bari mu buhungiro. Tukaba duhamagarira ubutegetsi guheba urwo rubanza tubona ko ataco rufatiyeko bahindure ibintu koko kugira bahe ikibanza gikwiye amashirahamwe adaharanira inyungu za politike n’ibimenyeshamakuru»
De montjoye arongera ati:
«irya ngendo yerekana ko impinduka zari zitezwe na cane cane zivuye ku mukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye zitariko zirashirwa mu ngiro . Izo mpinduka zifitaniye cane isano n’imigenderanire hamwe n’amakungu na cane cane abari basanzwe bafasha uburundi nk’ubumwe bwa buraya bishobora kugira ingaruka mbi kuri iyo migenderanire mu bijanye n’imfashanyo z’amafaranga »

Tubamenyeshe ko intumwa za Leta y’uburundi zari mu gihugu c’ubuswisi i Génève mu ntango zo kuri uyu wa mbere mu nama y’agateka ka zina muntu ya ONU maze zica zihitamwo kwiyonjorora mw’iyo nama yari yabajanye kubera ko babonyemwo bamwe mu baharanira agateka ka zina muntu bari mu buhungiro basanzwe bakwirikiranwa n’ubutungane bw’uburundi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments