UBM News ads UBM News ads
Thursday, May 23, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Fortuné Gaetan Zongo avuga ko Perezida Ndayishimiye afise akarimi keza ariko umwizero atanga ntuja mu ngiro.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Intumwa idasanzwe ya ONU mu bijanye n’agateka ka zina muntu mu Burundi ntirya umunwa mu kwerekana ko naho uburundi buriko buratera intambwe mu migenderanire n’amakungu , impinga ngo iracari ndende mu kwubahiriza agateka ka zina muntu. Fortuné Gaetan Zongo yabwiye inama y’agateka ka zina muntu ya ONU yabereye i Génève mu buswisi mu ntango z’iy’indwi turiko tusozera ko ubutegetsi bwa Perezida Ndayishimiye bufise akarimi keza ariko ko mu ngiro atariko bimeze.

Iyo ntumwa idasanzwe ya ONU yabwiye inama y’agateka ka zina muntu ko ibabajwe n’ipfungwa ry’abatavuga rumwe n’ubutegetsi , abamenyeshamakuru n’abaharanira agateka ka zina muntu hamwe n’aba bandanya banyuruzwa bazira ubusa nubu bikibandanya.

«Iyo migenderanire ntibuza ko abatavuga rumwe na Leta batotezwa bagafungwa, abandi bakangazwa . Ego, umukuru w’igihugu arafise akarimi keza ariko umwizero atanga ntuja mu ngiro. Bamwe baracaburabuzwa mu bikorwa vyabo, bigatuma n’aboshaka gutahuka batovyubahuka. Haracariho ubwicanyi mu gifuri ndetse n’abashaka kugira amanama ntibemererwa. Biraturaje ishinga kandi womenga n’ibisanzwe mu gihe bibangamira agateka ka zina muntu ku rugero rwo hejuru hamwe no kudahana abakora ivyaha bagakingirwa ikibaba» Niko Gaetan Zongo yavuze mw’iyo nama.

Uwuserukira uburundi muri ONU wewe yemeza ko iyo ari indirimbo abansi b’uburundi aserukira bama baririmba kuva mu 2015.Umupfasoni Elisa Nkerabirori akaba mw’iyo nama yiyamirije iyo ntumwa ya ONU ndetse agirako avuga ko itazokwigera ironka uburenganzira bwo kuja mu Burundi.

Tubamenyeshe ko iyo nama ya ONU ijejwe ivy’agateka ka zina muntu yaneguye Leta y’uburundi ku kuntu ikirangwa n’ukwikumira kandi ndetse idashaka ikiyago n’abo itavuga rumwe. Igafatira ku karorero ka hafi k’ukwiyonjorora kw’intumwa zaserukiye Leta y’uburundi i Génève mw’iyo nama muri iy’indwi turimwo kubera hari hatumiwemwo bamwe mu baharanira agateka ka zina muntu baronderwa n’ubutungane bw’uburundi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments