UBM News ads
Tuesday, December 5, 2023
No menu items!
UBM News ads

Uburundi buheraniye amabanki yo hagati mu gihugu ideni ringana n’amamiriyaridi ibihumbi 6 vy’amarundi .

Leta y’uburundi ifitiye amabanki yo hagati mu gihugu ideni ringana n’ama miriyaridi ibihumbi bitandatu mu mafaranga y’amarundi. Bikaba vyaraye bishikirijwe kuri uyu wa mbere n’umuhinga mu vy’ubutunzi Diomède Ninteretse mu cirwa aheruka gukora ku vyerekeye amadeni Leta y’uburundi ifise hamwe rero n’icokorwa kugira ibintu bihinduke. Abandi bahinga bize ivy’ubutunzi babona ko kugira iryo deni ririhwe ryose, umurundi wese atawuvuyemwo yosabwa gutanga amafaranga ibihumbi amajana atanu vy’amarundi (500.000Fbu).

Kubw’uwo muhinga Diomède Ninteretse, ideni Leta y’uburundi ifitiye amabanki yo mu gihugu hagati risumba kure cane amafaranga ikoresha ku mwaka. Uwo muhinga akabandanya amenyesha ko kubera umurengera w’ayo madeni, abanyagihugu muri rusangi hamwe n’abarwizatunga baca Babura amadeni mu mabanki y’ubudandaji maze bigatuma Imigambi y’iterambere ica ihagarara. Agahanura Leta kwirinda gufata ideni mu ma banki kubera bifise ingaruka mbi cane ku butunzi bw’igihugu.

Uwundi muhinga yize ivy’ubutunzi yigisha mu ma kaminuza akorera mu Burundi abona ko iryo deni ari rinini cane kuburyo naho hokoranywa abarundi bose ngo baririhe bitobakundira, ko icoba ciza ari uko Leta yiga gukora imigambi y’iterambere ikayivyazamwo umusaruro uza kuyifasha. Agira ati :

« Ndavye iryo deni ni rinini cane gose. Mfashe abarundi uko turi imiriyoni 12 , nsanga inzu yose yotanga ibihumbi amajana atanu vy’amarundi kugira Leta ishobore kuva mw’iryo deni. Ariko ikibazo n’uko n’abo barundi ubwabo ataho bafise bikora iki gihe kuko bari mu bukene bwokora amakara. Ico nahanura Leta, nigende ihige abahinga mvamakungu babigire ukwo ubutunzi bw’igihugu bwosubira kwifatafata nko mu myaka iheze y’imbere ya 2015. Leta ikore kandi imigambi y’iterambere yoshobora kuyizanira umusaruro uza kuyifasha. Aha ndavuga nko gutunganya igisata c’ubutare, ugutunganya neza ibibanza vy’abamukerarugendo,n’ibindi n’ibindi. Ntitwibagire kandi ukunagura imigenderanire myiza hagati ya Leta y’uburundi hamwe n’abahora bayifasha imbere y’uko bahagarika imfashanyo»

Tubamenyeshe ko mu rugendo ruheruka gukorwa mu Burundi n’umurwi w’ikigega c’isi FMI warurongowe na Mame Astou Diouf, muri raporo wasohoye uvuga ko ubutunzi bw’igihugu c’uburundi bugeze ahatemba, naho habaye utwigoro twokubunagura. Akarorero uwo murwi utanga, ni hagati yo mu kwezi kw’icenda, aho uburundi bwari bufise amahera mu kigega ntegabizoza y’agaciro abushoboza kurangura mu makungu y’indwi zibiri zitarenga. Nayo mu kwezi kwa Gatatu uy’umwaka turimwo, ayo mahera y’integabizoza yari ku rugero rw’ukwezi kurenga indwi imwe gusa.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments