Ishirihamwe PARCEM rihamagarira abarundi guhindura ingendo kugira bashike kw’iterambere rirama rimenyesha koi bice birenga 70 kw’ijana vy’abarundi aribo bakenye. PARCEM ibishikirije mu gihe kuri uyu wa 13 Munyonyo 2023 ari umusi mpuzamakungu wahariwe abakene.
Faustin Ndikumana arongoye PARCEM akabona ko igihugu c’uburundi kidashobora kuva mu bukene mu gihe hari abari mu ntwaro bashira amafaranga imbere. Uwo arongoye iryo shirahamwe akamenyesha ko atagikozwe abarundi ntibashobora kuva mu bukene barimwo.
Kiretse na PARCEM, N’Ivyegeranyo vy’amashirahamwe mpuzamakungu nk’ibanki y’isi canke ikigega FMI, bimaze igihe bishira igihugu c’uburundi mu mwanya wa mbere w’ibihugu bikenye kw’isi, aho amafaranga umunyagihugu w’umurundi aronka ku mwaka ubu ageze ku madorare y’abanyamerika 308. Ayo mafaranga akaba ari make cane ugereranije n’ibindi bihugu vyo kw’isi nkuko vyemezwa na bamwe mu bahinga mu vy’ubutunzi.
Recent Comments