UBM News ads UBM News ads
Friday, May 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Uburundi bugiye gukoresha ubuhinga bwa none muguteza imbere igisata c’ubutunzi-Léocadie Ndacayisaba

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umushikiranganji mu vyo ajejwe harimwo kumenyesha amakuru n’ikoreshwa ry’ubuhinga bwa none “Léocadie Ndacayisaba” amenyesha ko abenegihugu bagiye kuronswa interneti izimbutse kandi iri kumuvuduko wihuta.N’inyuma yaho I banki y’isi yose yemeye gutanga infashanyo k’uburundi ingana n’imiriyoni 42 z’amadorari zigenewe gufasha igisata c’ubuhinga bwa none.


Léocadie Ndacayisaba yari umutumire mu nama nshingamateka ku musi wa gatanu igenekerezo rya 12 ndamukiza 2024 kugira ashikirize imvo n’imvano y’integuro y’ibwirizwa ryo kwemeza amasezerano ari hagati y’ibanki y’isi yose na Leta y’uburundi y’infashanyo ingana n’imiliyoni 42 z’amadorari agenewe guteza imbere igisata c’ubuhinga bwa none.iyo nfashanyo kandi yaje yiyongera ku yindi nfashanyo ingana n’imiliyoni 50 z’amadorari yari yatanzwe mbere kugira ubwo buhinga bwa none butezwe imbere.

Uwo mushikiranganji yasiguye ko iyo nfashanyo igiye gutuma abenegihigu bose baronswa interneti izimbutse kandi ifise umuvuduko munini mbere no mu buzi bwa Leta bagiye gukoresha ubwo buhinga bwa none kugira batunganirize abenegihugu.

Léocadie Ndacayisaba yarangije ahumuriza abashingamateka ko umuhora wa “Fibre optique”ugiye gushikanwa henshi cane hama interneti ibe iyizimbutse kugira abenegihigu bose baronke uko nabo bakoresha ubuhinga bwa none.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments