UBM News ads UBM News ads
Friday, May 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Hari abipfuza kugarukana intwaro y’umugambwe umwe mu Burundi-Abepisikopi katolika mu Burundi

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Inama nkuru y’abepisikopi katorika mu Burundi imenyesha ko hari ibimenyetso vyerekana ko hariho umurwi w’abantu bipfuza kugarukana intwaro ishingiye ku mugambwe umwe mu Burundi kandi ivyo akaba arivyo vyamye bikwega akaga mu Burundi.ibi bikaba vyashikirijwe n’inama nkuru y’abepisikopi katolika mu Burundi mw’itangazo basohoye kuri uyu w’Imana twaraye turangije.


Muri iryo tangazo inama nkuru y’abepisikopi katolika mu Burundi barajwe ishinga nuko hari umurwi w’abantu bipfuza kugarukana intwaro ishingiye ku mugambwe umwe mu Burundi kandi arivyo vyagiye bikwega akaga mu gihugu.

Patiri Agathon Gahungu yasomye iryo tangazo muri catedrale regina mundi I Bujumbura yagize ati:« Turazi ivyagiye bishikira igihugu cacu muri kahise bivuye kugatima ko gukumirana n’ukwikwegerako ubutegetsi bwose nubu tugumana umwitwarariko kuko hibonekeza ibimenyetso vyuko hariho abipfuza intwaro yotugarukana ku ndinganizo ishingiye ku mugambwe umwe birakenewe rero ko hatsimbatazwa intwaro iha ikibanza imigambwe yose harimwo n’iyidahuje ivyiyumviro n’uwuri kubutegetsi kugira abntu bashobore gutunganya inama no gushikiriza ivyiyumviro vyabo mu bwigengege aho niho twoba turiko twitegurira amatora twimirije neza aho niho twoba turiko twitegurira amatora twimirije neza.»

Muri iryo tangazo kandi inama nkuru y’abepisikopi katolika irajwe ishinga nuko akazi gatangwa mu Burundi aho akazi gasigaye gatangwa hatisunzwe ubumenyi umuntu afise ariko hakisungwa umuhate w’umuntu ari mu mugambwe uri kubutegetsi ibyo bigaheza bikazana ingaruka ku butunzi bw’igihugu aho usanga hibonekeza ubusuma no kunyonora amatungo ya Leta maze Leta igahemba ibinebwe.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments