UBM News ads UBM News ads
Friday, May 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Amafaranga mvamakungu agiye gusubira kuboneka-Audace Niyonzima

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umushikiranganji ajejwe ubutunzi n’ikigega ca Leta “Audace Niyonzima”avuga ko amafaranga mvamakungu agiye gusubira kuboneka mu gihugu c’uburundi.ni mu gihe I banki y’isi yose yemeye gutanga infashanyo kuburundi ingana n’imiriyoni 40 z’amadorari y’abanyamerika kugira isahirize mu kuriha ibidandazwa biva hanze y’igihugu nk’ifumbire n’imiti.


Audace Niyonzima asanzwe arongoye ubushikiranganji bw’ubutunzi n’ikigega ca Leta yari mu nama nshingamateka ejo ku musi wa gatanu igenekerezo rya 12 ndamukiza 2024 gushikiriza imvo n’imvano y’integuro y’ibwiriza ijanye n’infashanyo y’ibanki y’isi k’uburundi ingana n’imiriyoni 40 z’ama dorari y’Amerika kugira vyorohe kurangurira mu makungu ifumbire n’imiti.

Iyo nfashanyo izofasha kandi ama banki hamwe n’abarwizatunga bakora mu bisata vyo kurangura no kudandaza imiti n’ifumbire,abanyagihugu batunzwe n’uburimyi n’abanyagihugu bakenera kurangura imiti mu mazu yabo y’idandarizo.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments