Thursday, March 30, 2023
HomeInternational newsPerezida w’ubufaransa yagiriza abakongomani ubwabo ko aribo bafise uruhara mu ndyane z’umutekano...

Perezida w’ubufaransa yagiriza abakongomani ubwabo ko aribo bafise uruhara mu ndyane z’umutekano muke uri muri Congo.

Mu gihe abanyagihugu bo mu gihugu ca Congo bari barindiranye igishika cinshi ko umukuru w’igihugu c’ubufaransa Emmanuel Macron aza gutera ivyatsi no kwagiriza igihugu c’urwanda ko arico kiri inyuma mu gufasha umuhari M23, Perezida w,ubufaransa yabakuriye inkoni ku gishitsi mu kubabwira ko batota amakosa ku muntu w’inyuma harimwo n’igihuguc’ubufaransa arongoye kuko abakongomani ngo ubwabo bafise uruhara rudasanzwe mu ndyane igihugu kimazemwo imyaka irenga 25. Perezida Macron akaba yabitangaje kuri uyu wa gatandatu mu kiganiro yatanze ku maradiyo akorera mw’ico gihugu ca Congo.

Mu kwagiriza uruhara abakongomani bafise mu bibazo vy’umutekano muke igihugu kimazemwo imisi kirimwo, Emmanuel Macron yagize ati :
“Kuva mu 1994, imbabazi kuba ndabivuze mw’aya majambo, ntimwigeze mushobora kugarukana ubwigenge yaba muvya gisirikare, mu vy’umutekano canke mu ntwaro mu gihugu canyu. Ukwo ni ukuri. Ntimusubire kuronderera hanze abo kwemera ko aribo bari inyuma kw’ico kibazo”

Yongeyeko kandi ati : “Ntimwagirize ubufaransa ku bintu biza biva kuri mwebwe”

Mu rugendo ariko agiririra mu gisagara ca Kinshansa kuva kuri uyu wa gatanu ku mugoroba , Umukuru w’igihugu c’ubufaransa akaba kandi yahamagariye ko haba ishirwaho muri Congo ry’”ubutungane nyakuri, ubutungane bw’inyuma yo mu ntambara, kugira abagiye barica bacirirwe imanza”.

Must Read