Ubunywero bw’icegera ca mbere c’umukuru w’inama nkenguzamateka bwatewe

0

Amasasu yarumvikanye mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana, muri karitiye ya Kibenga, zone Kinindo. Yari igitero gikozwe aho bita kwa Damas, mu bunywero bw’umugabo wa Spès Caritas Njebarikanuye, icegera ca mbere c’umukuru w’inama nkenguzamateka y’Uburundi.

njeba

Muri ico gitero cakozwe n’abantu bataramenyekana, umwe mubari muri ubwo bunywero, Major KATIHABWA Salvator, yaritavye Imana, uwo bari kumwe nawe, ariwe umugabo wa Spès Caritas Njebarikanuye, icegera ca mbere c’umukuru w’inama nkenguzamateka y’Uburundi arakomereka cane, aca ajanwa kuvurirwa ku bitaro CMCK.

Amakuru ikinyamakuru UBM News caronse mu gatondo ko kuri uwu wa mbere, n’uko uwo yari kwa muganga nawe yasezeye isi.