Lolilo agiye gukora ibiteramo mu gihugu ca Afrika Y’Epfo

0

Niyonzima Nassor Saloum azwi kw’izina rya Lolilo agiye gufata urugendo yerekeza mu gihugu ca Afrika y’epfo aho azoba agiye gukora ibiteramo nkuko yaraye abishikirije ikinyamakuru cacu mu kiganiro yaraye aduhaye.
lolilo
Lolilo ati:Ngiye gufata urugendo nerekeza mu gihugu ca Afrika y’epfo aho nzokora ibiteramo bigera kuri bitatu mu bisagara bitandukanye vyo muri ico gihugu ca Afrika y’epfo.
Tumubajije ko yoba atazogarukia mu burundi nkuko vyatanguye kuvugwa n’abantu,lolilo akaba yatwishuye ati:Uburundi n’igihugu canje nkunda cane,ngiye muri Afrika y’epfo gukora ibiteramo biheze nzogaruka mu gihugu canje.
lizzo
Tworangiza tubamenyesha ko Lolilo azofata indege yerekeza muri ico gihugu kw’igenekerezo ry’indwi kigarama uyu mwaka nyene turimwo.