Inkoho zine zafashwe n’abantu batatu baricwa muri komine Mutambu

0

Igisirikare c’uburundi, kibifashijwemwo n’abanyagihugu bo muri komine Mutambu, bararwanije umurwi w’abantu bitwaje ibirwanisho bari babonye muri ako karere. Inkoho zine zarafashwe, abantu batatu nabo bari bitwaje ibirwanisho baragandagurwa.

arm

Emmanuel NKESHIMANA musitanteri wa komine Mutambu amenyesha ko abanyagihugu bahaye amakuru abajejwe umutekano ko babonye abantu bagera kuri batanu bitwaje ibirwanisho, abasirikare baca baja kubarondera, aho akaba yari kuri uwu w’Imana, mu nzu iri aho muri komine Mutambu.

Harabaye ukurasana hagati y’abo bantu hamwe n’abajejwe umutekano, batatu muribo bitwaje ibirwanisho baricwa, babiri barafatwa hamwe n’inkoho zine. Umunyagihugu umwe niwe yakomerekejwe n’ayo masasu.

sisi
Emmanuel NKESHIMANA aramutswa komine Mutambu avuga ko abo bafashwe hamwe n’abishwe bose bamenyekanye, akaba ari abo muma komine ya Ruziba, Mutambu hamwe na Kabezi.