Ubumwe Bwa Buraya Bwahagurukiye John Pombe Magufuli.

0

Umukuru w’igihugu ca Tanzania, John Pombe Magufuli, agishika ku butegetsi, wamengo vyose bigeye kumera neza, ariko rero ibiriko biraba muri Tanzania bijanye no guhonyanga agateka ka zina muntu, biratuma aba na bariya bagira ico bavuze maze bagahaguruka bakiyamiriza uko Magufuli avyifatamwo, gushika naho bamwe bamwe batangura kuvuga ko Magufukli “atwaza igikenye”.

Ishirahamawe ry’Ubumwe bwa Buraya, risanzwe ryihwereza hafi ibibera mu bihugu vya Afrika bijanye no guhonyanga agateka ka zina muntu,ryarasohoye itangazo biciye ku buserukizi bwayo i Dar Es Salaam, aho UE yiyamiriza impfu nyinshi, uguterana ubwoba, ukunyuruzwa kw’abatavuga rumwe na leta hamwe n’abaharanira agateka ka zina muntu muri aya mezi make aheze muri Tanzania.

Ubumwe bwa Buraya bukaba busaba Tanzania ko hokwugururwa amatohoza kandi bugahamagira abategetsi ba Tanzania “kubungabunga amahoro n’umutekano vyose biranga demokrasi”. Iryo tangazo rya UE rije kubera havugwa uguhohoterwa cane ku banyagihugu batavuga rumwe na leta ya Magufuli.

Ku makuru ya RFI, ubukozi bw’ikibi buheruka ni nk’iyicwa ry’uwatowe mu mugambwe utavuga rumwe na leta ariwo CHADEMA, yicishijwe imipanga, akaba agize kabiri yishwe muri uyo mugambwe mu ndwi zibiri. CHADEMA ikaba yiyamiriza ubwo bwicanyi bwo ku rwego rwa Politike.

Iryo tangazo rya UE hamwe n’amashirahamwe ataho yegamiye mu vya politike akaba asaba ko hobaho ibiganiro mu gihugu cose. Ukwidoga gukaze kuje inyuma y’aho umunyeshre wa kaminuza yiciwe ahitanywe n’urusasu( balle perdue) rwarashwe n’abapolisi bariko barasubiza inyuma abakora imyiyerekano.

Magufuli yarahagurukijwe n’urwo rupfu maze aca asaba ko haba amatohoza yihuta. Magufuli uwusanzwe atazirwa “ Tingatinga”, arazwi ko atihanganira abogerageza kumurwanya. Abapolisi batandatu bakaba barahagaritswe inyuma y’iyicwa ry’uwo munyeshure.