Umuryango w’ubumwe bwa buraya uhamagarira Leta y’uburundi gushira mu ngiro bimwe biboneka ivyo yiyemeje mu bijanye n’agateka ka zina muntu hamwe n’intwaro ishingiye ku mategeko . Ivyo vyashikirijwe mw’itangazo uwuserukira uwo muryango mu Burundi yashize ahabona kuri uyu wa kabiri aho yamenyesheje ko uwo muryango uhagaritse ibihano vyari vyafatiwe bamwe bamwe ba Leta y’uburundi. Yamara, Uwo muryango uvuga ko ushobora kwisubirako ku ngingo waraye ufashe mu gihe hamwe atacohinduka mu gihugu.
Leta y’uburundi itegerezwa gukora ibishoboka vyose kugira ngo ishire mu ngiro biciye mu buryo bugaragara kandi bushemeye amasezerano yiyemeje mu kunagura ibijanye n’agateka ka zina muntu hamwe n’intwaro ishingiye ku mategeko. Ivyo nivyo ahanini umuryango w’ubumwe bwa buraya usaba Iyo Leta Nkuko tubisanga mw’itangazo uwuserukira uwo muryango yasohoye kuri uyu wa kabiri inyuma yaho ukuriye ibihano vyari vyafatiwe abategetsi bamwe bamwe ba Leta y’uburundi kw’igenekerezo rya 1 Gitugutu 2015.
Nkuko tubisoma mw’itegeko ryateweko umukono kuwa 24 Gitugutu 2022, A.HUBACKOVA arongoye inama y’ibihugu bigize ubumwe bwa buraya , Amazina y’abantu batatu niyo yakuwe ku rutonde rw’abantu n’amashirahamwe bari bashizwe ku bihano mpuzamakungu n’uwo muryango. Abo nabo ni :Gervais Ndirakobuca batazira “Ndakugarika”, Godefroid Bizimana hamwe na Leonard Ngendakumana.
Naho umuryango w’ubumwe bwa buraya waraye ufashe iyo ngingo , Uvuga ko utewe impungenge nyishi nuko hari ibibazo bikomakomeye bitaratorerwa umuti canke inyishu mu Burundi nkuko kandi vyanerekanywe n’inama nkuru ya ONU ijejwe ivy’agateka ka zina muntu hari kw’igenekerezo rya 7 Gitugutu 2022 . Aha umuryango wa buraya ushimikira cane cane ku bijanye n’uburenganzira bw’abanyagihugu ku giti cabo hamwe no mu vya politike , ikingirwa ry’abaharanira agateka ka zina muntu , irekurwa ry’abanyororo bapfunzwe ku mvo za politike , ukworohereza hamwe no gusubiza mu buzima busanzwe impunzi zitahutse hamwe no kugarukana ubwigenge bw’urwego rw’ubutungane.
Kubw’ivyo rero, Umuryango w’ubumwe bwa buraya umenyesha ko udakubita urugohe ku bibera mu Burundi ko bibaye ngombwa ushobora kugarukana ivyo bihano wari wafashe mbere no gusubiza abategetsi b’uburundi kuri urwo rutonde rw’abantu hamwe n’amashirahamwe barimwo mu bihano, ivyo muri uwo muryango umenyesha ko uzobikora wisunze ibibera mu gihugu.