Uwuserukira igihugu ca Congo mu nama nkuru y’umutekano ya ONU yiyamirije ifatwa ry’umuji wa Bunagana n’igisirikare c’urwanda cihishije inyuma y’umuhari M23 kuva mu kiringo kirenga amezi ane. Georges Nzongola Ntalaja yabishikirije kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 26 Gitugutu 2022 mu nama nkuru y’umutekano ya ONU yarigenewe ikibazo kijanye n’umutekano muke hamwe n’abantu bashaka ubufasha bwihuta mu buseruko bwa Congo. Nzongola akaba kandi yahanye ivyagiriji vy’urwanda aho rwagirije Congo ko ikorana n’umuhari FDLR.

Mu vyo yasavye, Georges Nzongola yashimitse mugusaba inama nkuru y’umutekano ya ONU mu gutegeka ata gisabwe ikurwa ry’ingabo z’urwanda n’umuhari M23 mu karere ka Bunagana no mutundi turere two muri teritware ya Rutshuru hamwe rero no gutera ivyatsi igihugu c’urwanda (biciye mu nzira yo gutorera nyishu) kuba cavogereye igihugu ca Congo.
Ku rundi ruhande, uwuserukira igihugu c’urwanda mu nama nkuru y’umutekano ya ONU kubwiwe yateye ivyatsi ibonekezary’abarwanyi ba FDLR mu buseruko bwa Congo biguma biboneka kubwiwe ko babangamiye umutekano mu karere. Mu bibazo vyinshi yagiye azana, Uwo aserukira urwanda mu nama nkuru y’umutekano ya ONU yibajije ahanini igituma inama nkuru y’umutekano ya ONU itigera itera ivyatsi ama Leta akorana n’umuhari wa FDLR , Uwo nawe usanzwe ariwo ubangamiye umutekano w’igihugu c’urwanda.
Tubamenyeshe ko kuva ku musi wa kane w’indwi iheze , imirwano ikomeye ihuza igisirikare ca Leta ya Congo ,FARDC hamwe n’umuhari M23 yasubiye kwubuka inyuma y’imisi yari ihaciye habaye agahengwe muri bumwe mu burere bwo muri teritware ya Rutshuru, Ivyatumye abantu ibihumbi n’ibihumbi bahungira mu gihugu kibanyi ca Uganda.





Recent Comments