Thursday, September 28, 2023
No menu items!
HomeInternational newsRDC: Ingabo za mbere za Kenya zari muri Congo mu butumwa bwa...

RDC: Ingabo za mbere za Kenya zari muri Congo mu butumwa bwa EAC zarakuyemwo akarenge.

Ingabo za Kenya zigizwe n’intwazangabo zari zagiye muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo mu butumwa bw’ingabo z’akarere za EAC kugira zigarukane amahoro mu buseruko bwa Congo, zaraye zikuyemwo akarenge zitaratangura akazi kazoo kari kazijanye mw’ico gihugu.

Nkuko tubikesha ikinyamakuru co muri Congo Infos.CD, Abari mu nzego z’umutekano za Congo hamwe n’abo mu rwego rwa diporomasi bemeza ko ingabo za Kenya zahavuye zivana mw’ubwo butumwa mu misi iheze. Kubw’ico kinyamakuru, Izo ngabo za Kenya ico zahavuye zikora ni uko ibifungurwa vyose zari zaje zitwaje zabisigiye bagenzi bazo bo mu butumwa bwa MONUSCO maze zibona gusubira I Nairobi. Izo ngabo zivanye mw’ubwo butumwa bwa EAC mugihe Perezida wa Congo , Felix Tshisekedi mu kwezi guheze yatangaje ko izo ngabo arizo zibafasha kurwanya umuhari wa M23 umaze amezi ane arenga ugenzura umuji wa Bunagana n’ubundi burere bihana urubibe.

Kiretse igihugu ca Kenya arico conyene cari kimaze kurungika inteko za mbere muri Congo mw’uwo mugambi w’akarere ka EAC, ibindi bihugu ntabwo vyari bwatangure kurungika inteko zavyo. Igihugu c’uburundi coco kikaba cahisemwo kurungika ingabo zaco gifashanye n’iza Congo mu gutuza imihari ituruka mw’ico gihugu ikorera mu bumanuko bw’intara ya Kivu, iyo mihari nayo ni RED-TABARA hamwe FNL ya Aloys Nzabampema. Igihugu ca Uganda naco kikaba na cone cabihisemwo ukwonyene mu gukorana n’ingabo za Congo mu gutuza umuhari ADF nawone ufise amamuko muri Uganda wama wihaye inkumbi mu kwica inzirakarengane zituye mu ntara ya Ituri hamwe no muri Kivu y’ubururako.

kuba izo ngabo za Kenya zikuyemwo akarenge mu butumwa bwa EAC zari zarungitswemwo muri Congo, ari nk’inkuru y’incamugongo mw’ishirwa mu ngiro ry’umugambi w’akarere ka EAC ujanye no kurungika igisirikare c’akarere kije kugarukana amahoro mu buseruko bwa Congo mu gutuza imihari y’abarwanyi yose irwanira mw’ico gice.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments