UBM News ads
Sunday, October 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

Ubumwe bwa buraya bumenyesha ko ata kawa yo mu Burundi yarimwe ahantu hiciwe ibiti igiye gusubira kuronka isoko mw’uwo muryango.

UBM News ads

Umuryango w’ubumwe bwa buraya uheruka gufata ingingo ko ata kawa yarimwe ahantu haciwe ibiti mu Burundi izoronka isoko mu bihugu bigize uwo muryango kuva mu mpera z’umwaka uza wa 2024. Vyatangajwe kuri uyu wa mbere na Claude Bochu aserukira umuryango w’ubumwe bwa buraya mu Burundi, hari mu ruganda rwabereye ku murwa mukuru w’intara ya Kayanza ku bakorera mu gisata c’ikawa.

Claude Bochu yamenyesheje ko iyo ngingo yemejwe n’inama nshingamateka y’ivyo bihugu bigize uwo muryango hari mu kwezi kwa Ruheshi 2023, aho ngo yafashwe mu ntumbero yo kugarukira amashamba cimeza abangamiwe mu bihugu bitandukanye vyo kw’isi. Aho ngo ayo mashamba agenda ateragirwamwo ibindi biterwa. Mu gihugu c’uburundi hakaba havurwa igiterwa c’ikawa. Kubw’iyo mvo, ngo nta burenganzira ikawa yatewe aho batemye ibiti izoba ifise bwo gushorwa mu bihugu bigize uwo muryango.

Abakorera mu gisata c’ikawa bakaba bavuze ko iyo ngingo yafashwe gihutihuti ko kandi ibihugu vyo ku mugabane wa Afrika bitagishijwe inama. Bagasaba nyabuna ko iryo sango ryokwigizwa inyuma kugira ibihugu vyose bibanze biyiganireko.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments