UBM News ads
Sunday, October 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

Somaliya ata gihindutse uno mwaka iraba igihugu c’umunani kigize umuryango wa EAC.

UBM News ads

Umunyamabanga mukuru w’umuryango wa Afrika y’ubuseruko EAC, Peter Mathuki avuga ko igihugu ca Somaliya gikomeje gutera intambwe ishimishije iyiganisha kwinjira mu bihugu bigize EAC. Mathuki akamenyesha ko yizeye uno mwaka ko somaliya ishobora kwinjira mw’uwo muryango. Akaba yabivugiye mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya kuwa 16 Myandagaro 2023.

Umunyamabanga mukuru wa EAC akaba yarangije agira ati :«EAC yarakoze icegeranyo kijanye n’igenzura nimba Somaliya yiteguye bihagije kwinjira mu muryango. Ico cegeranyo carahawe ibihugu vyose vyo mu muryango, kandi ibiganiro vyo kwemeza ico gihugu bizotangura kw’igenekerezo rya 22 Myandagaro uyu mwaka gushika kuwa 5 Nyakanga 2023»

Tubamenyeshe ko Somaliya yasavye kwinjira mu muryango wa EAC kuva mu mwaka wa 2012, ariko isuzuma riraba koi co gihugu cokwemererwa , ryatanguye muri Nzero 2023.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments