Umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye aragabisha abacamanza baza baraca imanza za ngondagonde hamwe n’abanka gushira mu ngiro imanza ziba zaciwe ko bagiye gufatirwa ibihano.
Ivyo perezida Varisito Ndayishimiye abishikirije mu gihe ngo buri musi yakira ibirego birenga 50 vy’abantu barenganijwe n’ubutungane. Akamenyesha ko agiye gusubira kugendera intara ya Karusi kugira yirabire ko imanza zanse gushirwa mu ngiro zagiye mu ngiro canke yifatire ingingo nk’umukuru w’igihugu.
Recent Comments