RDC yaraye yinjiye icese mu muryango wa EAC.

0

Igihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo carinjiye icese kuri uyu wa gatanu mu muryango w-ibihugu vya Afrika y-ubuseruko. Ni inyuma yo gutera umukono  ku masezerano yo kwinjira muri uyo muryango aho ibirori vyabereye i Nairobi.Image

Ivyo birori bikaba vyari vyitabwe n-abakuru b-ibihugu nka Antoine Félix Tshisekedi wa Congo ( yinjiye mw-uwo muryango), Perezida w-urwanda Paul Kagame , Yoweli Kaguta Museveni wa Ugana hamwe rero na Perezida Uhuru Kenyatta wa Kenya ariwe nawe arongoye uwo muryango iki gihe.

Kubwa Perezida Uhuru Kenyatta ,avuga ko ari akarusho kadasanzwe kubona RDC yemerewe kwinjira muri uwo muryango kuko hazokworoha gushiraho umuhora uva i buseruko uja i burengero  bwa Afrika ku bihugu bigize uwo muryango.

Tubamenyeshe ko Igihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo giciye kigira igihugu c-indwi  kigize uwo muryango inyuma y-ibihugu vy-uburundi, urwanda, Kenya, Sudani y-Epfo, Tanzaniya hamwe na uganda. Mbere n-igicapo gishasha cerekana ibihugu bigize uwo muryango  caciye gisohorwa.