UBM News ads

Ubumwe bwa Buraya bubona ko ukuba habaye ‘ukubisikanya ku butegetsi’ ari intango nziza ku Burundi

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ubumwe bwa Buraya bubona ko ukuba habaye ‘ukubisikanya ku butegetsi’ ari intango nziza kuri kazoza k’igihugu c’Uburundi.

iVyo vyashizwe ahabona mw‘itangazo ry’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya aho bavuga ko babonye ibiharuro ‘ntabanduka’ vyashizwe ahabona ko Evariste Ndayishimiye yatsinze amatora ya 2020.

Ubumwe bwa Buraya buca busaba ko hakwiye kwihutirwa gushirwaho ituze mu Barundi hamwe no kwubahiriza agateka ka bose mu migambwe hamwe no mu kibano no kwubahiriza abatavuga rumwe na leta y’Uburundi.

 

Ubumwe bwa Buraya bubona ko itorwa rya Ndayishimiye hamwe no kubisikanya ku butegetsi ari ‘intango nziza ku gihugu c’Uburundi’ kuko bizotuma gitera imbere.

Ishirahame ry’Ubumwe bwa Buraya rikaba ryari ryari ryarakinjuye mu bibazo vy’Uburundi kuva mu mwaka wa 2015 bivuye ku kutabona ibintu kumwe na leta ya CNDD-FDD.

Abihweza ibintu n’ibindi barabona ko Ubumwe bwa Buraya bushobora kunagura imigenderanire myiza na Ndayishimiye(na cane cane ko Evariste azwi cane mu bijanye no kubungabunga imigenderanire mw’ibanga n’abatagetsi bakomakomeye mw’isi).

Mwomenya ko Ubumwe bwa Buraya bwahora butanga gushika ku bice 52% vy’amafaranga igihugu c’Uburundi cahora gikoresha mu migambi ya leta ku mwaka kumwaka(ayo ubu leta ya CNDD-FDD) itegerezwa kwibako biciye mu makori muri OBR hamwe n’ibindi…)

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments