Ubumwe bw-afrika bwarangije igikorwa c-abarorerezi muvy-agateka kazina muntu n-abahinga muvya gisirikare mu Burundi.

0

Mu nama yayo igira 993, umurwi ujejwe amahoro n-umutekano m-umuryango w-ubumwe bw-afrika warakoranye aho iyo nama yari yerekeye abarorerezi  mu bijanye n-agateka kazina muntu hamwe n-abahinga b-abasoda b-ubumwe bwa afrika bari bamaze igihe bakorera mu Burundi inyuma yaho ico gihugu cinjiriye mu bibazo vya politike kuva mu mwaka w-2015.African Union - Wikipedia

Iyo nama igira 993 irangiye, umuryango w-ubumwe bwa afrika wamenyesheje koˮibintu vyinshi  vyiza vyashitsweko I Burundi inyuma y-igihe kitari gito ico gihugu kiri mu ngorane‟ . Nikwo guca iyo nama ijejwe amahoro n-umutekano m-ubumwe bwa afrika ihagarika igikorwa c-abarorezi  b-iryo shirahamwe mu bijanye n-agateka ka zina muntu, co kimwe n-abahinga mu vy-igisoda  k-uburundi, bikazoba kuwa 31 Rusama uy-umwaka turimwo.

Mw-iryo tangazo kandi, Umuryango w-ubumwe bwa Afrika  urashima ukuntu habaye intambwe zishimishije mu bijanye na poritike  n-umutekano mu Burundi kuva habaye  indyane za politike mu mwaka w-2015. Ikindi uwo muryango urashimira  Leta y-uburundi na cane cane abatwara igihugu  n-abarundi bose  kubera ko habaye itunganywa ryiza ry-amatora meza yabaye kuwa 20 Rusama 2020 kandi hakajaho Leta nshasha .

Iryo shirahamwe risaba amakungu yose yafatiye ibihano uburundi akaba atarabihagarika, kunyarutsa kubibukurako eka n-izindi ngingo zose zisa n-ibihano zafatiwe  uburundi kubihagarika, kugira ngo haboneke icuka ciza kizana iterambere rirama muvy-ubutunzi n-imibano.

Inyuma y-iryo tangazo, Leta y-uburundi ntiyatevye kugira icoishikirije. Abicishije k-urubuga rwiwe rwa Twitter, umushikiranganji w-imigenderanire no gufashanya n-ayandi makungu Albert Shingiro yamenyesheje ko akengurukiye cane inama ijejwe amahoro n-umutekano m-umuryango w-ubumwe bwa afrika ku ngingo nziza yafashe.

Naho biri uko, abatavuga rumwe na Leta y-uburundi bari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike ntibashimye iyo ngingo yafashwe n-ubumwe bwa afrika ndetse bakanatangazwa n-uko uwo muryango wubahutse kuvuga ko ubu mugihugu c-uburundi ibintu bimeze neza cane kandi hadasiba kugandagurwa abantu, abanyuruzwa bakanyuruzwa, abantu bakaguma baborezwa igufa, ugufatwa ku nguvu kw-abakenyezi ,iterabwoba rikorwa n-urwaruka rw-imbonerakure rwegamiye umugambwe uri k-ubutegetsi CNDD-FDD eka n-ibindi.. Abo badaharanira ivyicaro vya politike  baranavuga ko icuka mu vya politike kiguma ari kibi cane ko atakarusho kahari n-ubu.