UBM News ads

Abantu bababa 10 harimwo intwazangabo mu gisirikare y-ipete rya colonel bishwe mu gitero cabereye kw-ibarabara rya Muramvya-Bujumbura.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Hari ku mugoroba wo kuruwu w-Imana igenekerezo rya 9 Rusama  kw-ibarabara rya Muramvya- Bujumbura urenganye neza ku Mubarazi hafi ya Croix-rouge aho umurwi munini w-abitwaje ibirwanisho wategereye imiduga yariko imanuka I Bujumbura ubanje kwugara iryo barabara bakoresheje amabuye. Nikwo guca hatangura kwumvikana urudavagi rwinshi rw-amasase be n-amagerenade  birabishwa  ku ngenzi zari mw-iyo miduga yari yahagaritswe n-uwo murwi w-abitwaje ibirwanisho utaramenyekana ndetse n-imiduga muyategewe yaciye iturirwa.Muramvya Province - Wikipedia

Gushika mu gatondo ko k-uruwu wa mbere  , n-uko abantu bagera kuri 10 harimwo intwazangabo y-ipete rya colonel yitwa onecephore Nizigiyimana akorera i Addis- Abeba mu gihugu ca Etiyopiya muri EASF hamwe n-umwana wiwe yahiriye mu  modoka aribo bamaze gupfa inyuma  ya babiri basandabiye mu bitaro vy-I Muramvya biyongeye kuri munani bari bamaze kwitaba Imana.

Igipolisi c-uburundi camenyesheje hahejeje kuba ico gitero  ko hari hamaze gupfa abantu munani ko abateye bari ˮabasuma bitwaje ibirwanisho‟ kandi koˮ bagiye bivye‟

Kubw-ayandi makuru aturuka aho haraye habereye ico gitero amenyesha ko abagikoze ataco boba bivye ahubwo bari bazanywe no gukora uwo mutego kw-iryo barabara mu nyuma baca barazimangana  baraburwa iyo barengeye. Abajejwe umutekano boba barahashitse  ariko ibara ryamaze kurwa ataco bagifasha.

Abanyagihugu batari bake bahaye bibaza ku biriko bibera mu gihugu c-uburundi aho hamaze imisi hibonekeza ibitero be n-imitego ku mabarabara vy-umurwi w-abitwaje ibirwanisho utaramenyekana uburorero ni igitero caheruka kubera muri komine Rusaka mu ntara ya Mwaro aho abantu 8 bishwe barashwe n-umurwi w-abitwaje ibirwanisho utamenyekanye ubasanze m-uunywero bariko bivuna akanyota. Akandi Karorero ni umutego w-abitwaje ibirwanisho wakozwe ku modokari yarimwo Ingenzi wabereye kw-ibarabara rya RN7 neza na neza aho bita ku Muhabo muri komine Mugamba mu ntara ya Bururi aho batatu muri batanu bari mw-iyo modokari baciye baraswa barahwera ubwonyene imodokari barimwo ica iraturirwa irasha iratokombera.

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments