Ni inkuru nziza ku ngenzi zifata ibarabara ry’igihugu nomero 3, ariryo rya Bujumbura–Rumonge.
Ico kiraro co ku ruzi kirasa cacitse mw’iyi ndwi tumaze kizotangura gusanurwa kuri uyu wa mbere 10/05/2021. Ibikorwa bizorangurwa n’ishirahamwe Syno-Hydro. Iryo naryo rikaba ari naryo risanzwe ririko rirubaka urugomero rw’umuyagankuba ku Rutumo, zone Minago mu ntara ya Rumonge.
Vyamenyekanye inyuma y’urugendo uwo mugwi ugiye kuzokora ico kiraro uhejeje kugira aho nyene uri kumwe na Buramatari w’intara ya Rumonge, consolateur Nitunga.
Recent Comments