UBM News ads
Tuesday, March 5, 2024
No menu items!
UBM News ads

Perezida Ndayishimiye asaba abarundi ko bosenga kuko ngo hari ‘idayimoni’ iriko ishaka ko uburundi budatera imbere.

Umukuru w’igihugu c’uburundi asaba abarundi gusenga kuko ngo yasanze hari ‘idayimoni’ iriko ishaka ko uburundi butotera imbere. Varisito Ndayishimiye akavuga ko iyo habonetse amahirwe aganisha uburundi mw’iterambere, ngo haca haza izindi nguvu atazi zigahagarika ivyariko bikorwa kugira igihugukitere imbere. Perezida Ndayishimiye yabitangaje mw’iy’indwi twasozereye ku musi mukuru w’umutangakori 2023.

«Abarundi twese dusere cane twirukane idayimoni ibuza iterambere ry’uburundi kuko iyo habonetse akantu kose kotuma dutera imbere, haca izindi nguvu ntazi zica zibuza (…) iyo poroje ica ipfa, igaca ihagarara . Nkubu ntimubona ko turiko twirukanga ngo Nickel dutangure exploitation yayo, umuyagankuba Rusumo Falls ntiwaje? Harya muzoza mubona izindi nguvu zivuze ziti stop ntahomuja! Tudasenze rero ntibikunda» Niko Perezida Ndayishimiye yabwiye abari bitabiriye ivyo birori vy’umwaka wagenewe umutangakori.

Ayo majambo Perezida Ndayishimiye ayavuze mu gihe igihugu kiriko kica mu ngorane zikomeye z’ubutunzi, aha turavuga nk’ibura ry’ibitoro, amafaranga mvamakungu mu gihugu aboneka nabi na nabi, ifaranga ry’uburundi ribandanya guta agaciro, ubuzima bubandanya kuzimba mu barundi na cane cane ku bakozi ba Leta,….

Hari ababona ingorane z’ubutunzi igihugu kirimwo Perezida Ndayishimiye n’umugambwe wiwe akomokamwo babifisemwo uruhara runini. Uyu ni umwe mu barundi aba mu gisagara ca Rumonge twavuganye ariko atashimye ko tumuvuga umwidondoro wiwe ku mvo z’umutekano wiwe, agira ati :

«Perezida Ndayishimiye ivyo mpaye mbona asa nuwananiwe ivyo gutwara igihugu, uti kuki? Gushika ino saha maze kubona ko akora igihushane kuvyo akora n’ivyo akora. Hamwe arerekana ishaka ryo kuzamura ubutunzi bw’igihugu ahandi akaba uwambere asesagura ubutunzi bw’igihugu, none zirya ngendo bafata buri ndwi n’umutambukanyi wiwe mu mahanga umusaruro zimaze kuzanira uburundi nk’igihugu ca mbere gikenye kw’isi ni uyuhe? Jewe nabona ko hari ingendo batari bakwiye kuza barafata basi bagatuma abandi. Ikindi, CNDD-FDD yarashimye ingendo yayo yo kwigungirako igihugu ariyonyene, abarundi isinzi baja mu buhungiro baranka icitwa ibiganiro kandi abafasha uburundi bari bemeye gusubira kuduha imfashanyo maze duheme na gato, none raba baravyase abacu. Hama ngo twatewe n’idayimoni! Ewe Burundi bwacu!»

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments