UBM News ads UBM News ads
Tuesday, June 18, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Ubukene bw’ibitoro,inzoga n’isukari biva kubunyonyezi bukorwa n’abategetsi-Patrick Nkurunziza

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w’umugambwe Sahwanya FRODEBU avuga ko ibura ry’ibinyobwa vya Brarudi,isukare n’ibitoro bituruka kubutegetsi bubi burangwa no gusahura amatungo ya Leta.Patrick nkurunziza ati umugambwe Frodebu watwaye mu bihe bigoye bahejeje kwica Melchior Ndadaye nta sukare,ibitoro hamwe n’ibinyobwa vya Brarudi vyigeze bibura.Ibi yabishikirije ku musi w’ejo igitega mu kwibuka imyaka 31 iheze


Umugambwe Sahwanya-Frodebu waraye utanguje ukwezi bita ukwezi kwa Democrasi mu ntara ya Gitega mu kwibuka imyaka 31 uwo mugambwe umaze utsinze amatora yabaye igenekerezo rya 1 ruheshi 1993.mw’ijambo ryiwe uwo arongoye umugambwe Sahwanya-frodebu yaragarutse ku bibazo bimwe bimwe bihanze igihugu muri kino gihe nuko hoboneka umuti urama.

Patrick Nkurunziza yamenyesheje ko igihugu c’uburundi kiriko kiraca mu bihe bigoye kumpande zose kubera ubutegesti bubi burangwa no gusahura amatungo ya Leta nkuko umukuru w’igihugu Varisto Ndayishimiye yama yabishikirije.

Mw’ijambo ryiwe Patrick Nkurunziza yagize ati:«Hano mwashikirije ibibazo bijanye n’ibura ry’ibinyobwa vya BRARUDI,isukare hamwe n’ibitoro ariko ivyo vyose n’ubusuma bukorwa n’abategetsi tugira n’Imana umukuru w’igihugu yama yabishikirije kenshi.ibibazo vy’ibura ry’ibinyobwa vya Brarudi isukare hamwe n’ibitoro bitigeze bibura no mugihe umugambwe Sahwanya Frodebu watwaye igihugu mu bihe bigoye inyuma yahoo bahejeje kwica umukuru w’igihugu yitorewe mu nzira ya Democrasi Melchior Ndadaye.uyu musi bibuze kubera ubusuma bw’abategetsi baguma biba amahera y’abanyagihugu yoteje imbere igihugu n’umunyagihugu.»

Patrick Nkurunziza yaragarutse kandi kukibazo casubiye kwimonogoza c’inyuruzwa ry’abantu mu gihugu cose aho yasavye inziraguhemuka mbere n’abarundi bose muri rusangi gushigikirana ntibasubire kwemera ko hari umuntu asubira kunyuruzwa barorera ntibemere ko hari umuntu aza gufata umuntu ata mpapuro afise.hamwe n’ivyo bibazo vyose yateye akamo Leta kwikebuka bagahagarika ubunyonyezi bukorwa n’abategetsi bubake igihugu c’abarundi bose.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments