UBM News ads UBM News ads
Tuesday, June 18, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Ibanki y’isi yose igiye guha Leta y’uburundi imiriyoni 230 z’ama dorare y’Amerika mu guteza imbere inyigisho n’amagara y’abantu.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Leta y’uburundi igiye guhabwa ingabire n’ibanki y’isi yose ingana n’imiriyoni 230 z’ama dorare y’Amerika m’umugambi wo guteza imbere inyigisho n’amagara y’abantu kugira umuntu abe umutahe mw’iterambere ry’igihugu.Uwo mugambi Ufise ihangiro ryo gushigikira abigeme n’abahungu mubijanye no gufungura neza,kuvurwa neza hamwe no mu kwiga neza mumashure mato mato.


Nkuko biri mw’itangazo ry’inama idasanzwe y’abashinkiranganji yabereye mu ntara ya Gitega kuwa 30 rusama 2024,Leta y’uburundi yarashizeho amafranga itegekanya gukoresha mu mwaka wa 2024-2025 angana imiriyaridi 4397 mugihe mu mwaka wa 2023-2024 yangana imiriyaridi 3780.Aya mafranga ategekanywa gukoreshwa na Leta yafatiweko bivanye nuko ubutunzi buzokwiyongera muri uyu mwaka wa 2024-2025 ku bice 5,4% navyo akaba ari kubera Leta y’uburundi yafashe ingingo zituma ubutunzi bunagurwa hamwe no kunagura imigenderanire myiza n’abasanzwe bafasha Leta y’uburundi mu migambi y’iterambere.

Muri iyo nama kandi Leta y’uburundi ivuga ko igiye gushigikirwa n’ibanki y’isi yose ingana n’imiriyoni 230 z’ama dorare y’Amerika m’umugambi wo guteza imbere inyigisho n’amagara y’abantu kugira umuntu abe umutahe mw’iterambere ry’igihugu.

Uwo mugambi Ufise ihangiro ryo gushigikira abigeme n’abahungu mubijanye no gufungura neza,kuvurwa neza,mu kwiga neza mumashure mato mato uzoshirwa mu ngiro nubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya Sida hamwe n’ubushikiranganji bw’indero n’ubushakashatsi.ibi bikaba ari ivyizwe n’inama nshikiranganji yakoranye mu ntara ya Gitega Igenekerezo rya 30 rusama 2024.

Ubwo buryo bukaba buzokoreshwa mu mice itatu ikwirikira:
1.kurwiza amashure n’amavuriro kugirango umuntu wese abeho neza mubuzima bwose,
2,Guteza imbere inyigisho mumashure no kubungabunga amagara y’abantu ,
3. Gufasha mugutunganya ishirwa mu ngiro ry’uwo mugambi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments