UBM News ads UBM News ads
Tuesday, June 18, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Imiriyaridi zirenga 4000 nizo Leta y’uburundi izokoresha mu mwaka wa 2024-2025

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Leta y’uburundi itegekanya gukoresha imiriyaridi 4397 mu mwaka wa 2024-2025 mu gihe mu mwaka wa 2023-2024 yakoresheje amafranga angana imiriyaridi 3780. Leta ikavuga ko ubutunzi buzokwiyongera ku bice 5,4% mu mwaka wa 2024-2025 bivuye ku ngingo nziza zafashwe mu kunagura ubutunzi hamwe n’imigenderanire n’abasanzwe bafasha uburundi mu migambi y’iterambere.Ibi biri mw’itangazo ry’inama nshinkiranganji yabaye kuwa 30 rusama 2025 mu ntara ya Gitega.


Nkuko biri mw’itangazo ry’inama idasanzwe y’abashinkiranganji yabereye mu ntara ya Gitega kuwa 30 rusama 2024,Amafranga Leta izokoresha mu mwaka wa 2024-2025 angana imiriyaridi 4397 mugihe mu mwaka wa 2023-2024 yangana imiriyaridi 3780.Aya mafranga ategekanywa gukoreshwa na Leta yafatiweko bivanye nuko ubutunzi buzokwiyongera muri uyu mwaka wa 2024-2025 ku bice 5,4% navyo akaba ari kubera Leta y’uburundi yafashe ingingo zituma ubutunzi bunagurwa hamwe no kunagura imigenderanire myiza n’abasanzwe bafasha Leta y’uburundi mu migambi y’iterambere.

Leta y’uburundi imenyesha ko amafranga azokwinjira mu kigega Ca Leta mu mwaka wa 2024-2025 azoba arenga gato imiriyaridi 3 941,11 aho mu mwaka wa 2023-2024 yarenga gato imiriyaridi 3371,95 bivuga ko yiyongereye ku bice 16,89%.

Amafranga Leta izokenera gukoresha yose hamwe angana arenga gato imiriyaridi 4 397,46 mu gihe mu mwaka wa 2023-2024 yari yakoresheje ayarenga imiriyaridi 3 780,95 bivuga ko yiyongereye ku bice 16,30%.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments