UBM News ads

Inkabuzo zo gupima umugera wa Covid19 bitaˮ reactifs‟ziriko zirabura cane mu bibanza bitari bike vy-I Bujumbura.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Abanyagihugu batari bake bariko bitura ibibanza bitandukanye vyo mu gisagara ca Bujumbura vyagenewe gupima umugera wa Covid19 bamenyesha ko baruhijwe nukuza baratonda baje gutora inyishu z-ibipimo vya Covid19 ariko ntibazironswe.RPA - Les habitants de Bujumbura dénoncent le clientélisme observé dans le  dépistage de la Covid-19

Nko mu kigo co kuri Bon accueil kiri muri zone ya Bwiza ,muri komine ya Mukaza aho hagenewe kupima uwo wese yoba yiyumvako ibimenyetso vy-umugera wa Covid n-uko hashobora kuca n- indwi zibiri ata nyishu z-ibipimo vy-uwo mugera ziraboneka, ibituma uwo mugera wa covid19 uca uguma urandagata mu banyagisagara ca Bujumbura kubera ko uwurwaye uwo mugera ataheza abimenyeshwe hama ngo ace yikingira ndetse anakingire n-abandi batoba baranduye. Ikindi  n-uko abanyagihugu baba baje kwipimisha bahomba vyinshi muvyo baba basize bariko barakora k-ubuzi bwabo canke mu mihana yabo kuko baguma bahabwa amasango menshi yo kugaruka gutora inyishu y-ibipimo baba batowe. No mubindi bibanza biri mu makomine agize igisagara ca Bujumbura izo nkabuzo ngo zisa nizaheze.

Kubw-amakuru twahawe n-abajejwe gupima ico kiza ca covid19 mu gisagara ca Bujumbura, batumenyesha ko inkabuzo zo gupima covid19 zisa nizaheze imvo y-ibura yazo yoba yatumwe n-uko hakoreshejwe inkabuzo nyinshi mu gikorwa caheruka co gupima abanyeshule bose biga mu mashure y-indaro agize igihugu c-uburundi.

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments