UBM News ads

Ubufransa n’ubwongereza mu biganiro vyo kurungika abasirikare muri ukraine.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ubufransa n’ubwongereza bwiteguye kurungika abasirikare baja gufasha Ukraine kurwana n’uburusiya.

Ibi bikaba arivyo vyaganiriwe hagati ya prezida Emmanuel Macron w’ubufransa na keir starmer umushikiranganji wa mbere w’ubwongereza kuwa 11 munyonyo 2024.

Igihugu c’ubufransa n’igihugu c’ubwongereza bari mu biganiro bigamije kurungika ingabo mu gihugu ca Ukraine gisanzwe kiri mu ntambara n’uburusiya hafi imyaka 2.

Ibiganiro nkibi vyatanguye muri ruhuhuma 2024 biza kudashigikirwa n’ibihugu bimwe bimwe bigize umuryango w’ibihugu vya bulayi.

Nkuko vyandikwa n’ikimenyeshamakuru le monde,ibiganiro vyaje gusubira gutangura muri uku kwezi kwa munyonyo igenekerezo rya 11,igihe umushikiranganji wa mbere w’ubwongereza Keir Starmer yagendera ubufransa.

ibiganiro bikaba vyari bishingiye kw’irungikwa ry’abasirikare boja gufasha urugamba igihugu ca Ukraine.

Ivyo biri uko mu gihe ubwongereza bwamaze gutanga ibirwanisho muri ukraine vyo mu bwoko bwa STORM SHADOW birasa kure hamwe.ubufransa nabwo bwahaye Ukraine ibirwanisho vya SCALP-EG navyo nyene birasa kure.Amerika nayo nyene ikaba yaratanze uruhusha kuri Ukraine kurasisha ibirwanisho bishika mu butaka bw’uburusiya.

Kuruhande rw’uburusiya bumenyesha ko ivyo ibihugu vya Amerika,ubufransa n’ubwongereza biri gukora mu gushigikira ukraine bizotuma uburusiya bukoresha ibirwanisho ruhonyanganda

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments